Abarundi bomenya igituma Imana ibaha Umwami.
Uhoraho Imana niyo yimika Umwami hanyuma ikamuha abantu kugira ngo abaganze. Mugabo hariho igihe abantu bagarariza Imana bakiyimikira Umwami bitoreye kugira ngo abaganze. Uyo aza abatwaza ituntu, inkoni yahawe yo kubayobora akayitiranya n’ubuhiri bgo kubahonda, ubutware yahawe akabgitiranya no gupfunga no gupfungura uwo yishakiye. Murico gihe, Abarundi baricuza icatumye bamutora bakipfuza n’icomubakurako. Umwami yimitswe n’Imana […]