Igihugu gihanzwe na vyinshi mugabo n’abana barageramiwe cane.

Mu gihugu c’Uburundi bisigaye bigoye kumenya urutonde rw’ukuri kuko ibintu vyose ni ugusigiririza. Mugihe hariko haraba inama y’indongozi z’abakenyezi bavuye kw’isi yose bavuga ivyerekeye kubungabunga abana, mu gihugu cacu uwo munsi nyenye hariho abana berekanwe bishwe batwawe n’umuvo w’amazi n’uwundi yatewe umusumari mu bgonko na mukase. Abo n’abamenyekanye kuko hariho vyinshi bibera mu gihugu bitamenyekana. […]