Uhoraho agira ashitse isezerano ku gihugu c’Uburundi ubu naho hari indimi mbi zibihakana.
Abarundi batari bake bamaze iminsi itari mike basenga Uhoraho Imana ngo atabare igihugu cabo cazinzwe n’indyane n’ubukene kuva kera kugira ngo ashitse isezerano yabasezeraniye. Amakuru ava ku bicaniro vy’amasengesho mugihugu cose n’ibiri hirya no hino mu mahanga, Mpwemu Yera w’Imana arururuka akavugisha abasenzi batandukanye, batazinanyi n’abafise umuhamagazo yuko igihe kigeze yuko Umwami Yesu Kristo aje […]