Abakuze kera ni mudusigurire ibi bintu tubitahure.
Tuguma dusoma ibintu vyinshi vyandikwa ku mbuga mpwaniro na cane cane amakuru y’amabi akorerwa abantu hamwe n’amazina y’abayakora. Twarumvise kandi imirwi ymamatohoza yashizweho kugira ngo Abarundi bamenye ukuri kandi barekuriranire, ariko ukumva hariho umuntu yapfubije, yahindukije canje yahakanye ukwo kuri akoresheje urwenge. Twarumvise kandi yuko hariho abari abategetsi mur’iyo myaka bafise imvugo y’agahemo no kwerekana […]