Ukuri kurayeye ubgoba kandi kuguma kunyegezwa n’inkozi z’ikibi

Abantu bazi ivyabaye mu Burundi kuko bari mu ntwaro ico gihe baguma basaza bagapfa ariko ukuri ntikuzimangana. Umukuru w’umugwi CVR yagize ati: “1960-1969. 1971.1972-1973: Iyi myaka mibi yahekuye imiryango mu Burundi, Zénon Nicayenzi ayizi yose. Ivyabaye igihe mu 1965 hagandagurwa Umushikirangoma Petero Ngendandumwe, #CVR yarabishize ahabona. Guhenda Abarundi ntibigishoboka! Ukuri kurateye ubwoba!” Ukwo ni ukuri […]