Amezi mu kirundi n’insiguro yayo.
Mu Kirundi, co kimwe no muzindi ndimi, amaze n’iminsi birafise amazina. Kenshi uko bayitirira bafatira kubihe abantu baba babayemwo biguma vyibonekeza muri ukwo kwezi. Iminsi yoyo nta kintu gihambaye bafatirako atari guharura batondesha umurongo uva ku munsi wa mbere uja kuwanyuma w’iyinga. Kurikirana aha munsi uce wumviriza n’insiguro baha amezi. Amêzi mu kirŭndi Ukwezi kwa […]