Ubutare bg’igihugu c’Uburundi buvugisha menshi

President Evariste Ndayishimiye: « Naraye menye umuntu ashora ubutare tutari tuzi ko dufise » Mw’ijambo ryiwe ryo gutanga umwihwezo ku vyayazwe mu kiganiro catunganijwe na BRB ku butunzi kuri uyu wa 20/8/2024, Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko hari umuntu yimba ubutare bwa « Cristal » akanabushora hanze Prezida Ndayishimiye avuga ko uwo muntu ariwe ubwiwe yabimumeyesheje, anamubwira ko amaze gushora […]