« URUTONDE RW’URUGAMBA » Intaha ihambaye.
URUTONDE RW’URUGAMBAUrutonde rw’urugamba ni inzira yo gutsimbataza amahoro biciye mu kunesha ibiturusha, bikatubabaza mbere bigahava bikatugira imbohe, iyo bitadutwaye ubuzima. Ni ukurwana n’ubushobozi bg’imbaraga zikorera mu bantu ariko atar’iz’abantu. Ubgo bushobozi butororokana nk’amama y’imvura acika utugezi tuva mu misozi tukavamwo inzuzi, za nzuzi zikaba ikiyaga. Ikiyaga si ikiziba kandi ikiyaga si iriba. Nta n’umwe adakunda […]