Inzira indwi zo gutabara no gukiza igihugu c’Uburundi.

Ni igitabo kidonda ivyerekeye urutonde rw’Uboraho Imana abantu benshi birengagiza. Abarongora igihugu canke ishengero baciye kubiri n’urwo rutonde baba bakwegere akarambaraye abo barongoye. Iyo umurongozi arimwo impwemu mbi ababa mu gihugu n’igihugu ubgaco kirakubagugwa n’inzara, ubukene, akarenganyo n’ibiza. Uwo muntu atabogojwe n’intwari Imana iravyimorera igakoresha ibintu biteye ubgo nk’ivyago cumi kandi abifatanije nawe mu caha […]