Imburi ya nyuma: Ngaho ni mwihane mwezwe vya bihe birabashikiye.
IHANE MWEZWE MWITEGURIRE INGAJI Y’UHORAHO MU BURUNDI Tumaze imyaka 35 twumvise ivyerekeye amasezerano Uhoraho Imana yahaye ihanga ry’Abarundi. Dutangure kuyasengera haheze imyaka 25, Mpwemu Yera yaratubariye ivyiza biyarimwo, aca atubarira yuko ar’ayacu azoyadushitsako.Haheze imyaka 10 Umuremyi w’isi n’ijuru adutegetse kuyatangariza abantu bose adutuma yuko bokwihana bakezwa kugira ngo ntibazohitanwe n’inkota ya malayika muranduzi.Twakwiragiye intara zose […]