Abarundi barakwiriye kwihana ivyaha n’ububi bgabo bagasenga Imana kugira ngo ibashireko uburinzi.

INGENE USHOBORA KUBANA N’ABANYAKIBI NTIWIYANDUZE Mungo n’imiryango myinshi harimwo indyane n’amatati atuma bamwe bicana, abubakanye bakahukana abandi bakabana baratuntuye kandi barayinze kubera barabana ayingwe. Iyo ubana n’umuntu uramenya yuko ari mwiza canke mubi mugabo hari n’igihe ababanyi, umuryango canke abo mukorana batigera babica n’ikanda bakibaza yuko ari wewe mubi kuko abanyakibi bazi kwiyorobeka.Kuba umunyavyaha biratandukanye […]