Muragabe nti murogwe kandi ngo mwibge

IHANGA RY’ABARUNDI N’ABIZERA MWESE MUGABE. Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA mu Burundi no mu mahanga, riramenyesheje Abera bose yuko hariho abariko bararogwa bagatako bakibishwa urwenge n’abasuma n’abambuzi babicishije mu migirwa n’imigenzo: Kubamijwa, kubanywesha no kubagurishako amazi bavuga yuko asengeye. Kubasiga, kubanywesha no kubagurishako amavuta bavuga yuko asengeye. Kubarisha, kubamija no kubagurishako umunyu bavuga yuko usengeye. […]