Mwibuke kwama muja kumisozi kwihererana n’Imana.
Nkuko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yama abigenza, yirirwa arigisha hanyuma kumugoroba akaja ku musozi kurara arasenga; natwe abana b’Uhoraho Imana turakwiriye kwama dufata umwanya tukaja ku misozi y’amasengesho kwihererana n’Imana yacu. Aho bishoboka. Intumwa zagiye mu cumba co haruguru munzu kwihererana n’Imana kandi niho Mpwemu Yera yabasanze baruzuzwa batangura kuvuga mu ndimi. Umuvugishwa n’Imana […]