Umwe muri twebge yarapfuye aja mw’ijuru haheze iminsi itanu aragaruka. Yaje azanye amabanga y’Ihanga ry’Imana n’igihugu.
UBUTUMWA BGURURUTSE BUZANYWE N’UWUVUYE MW’IJURU “…Yaduganywe akajanwa muri Paradizo akumva ibitovugwa, ivyo umuntu atemerewa kuvuga.” [2 Abikorinto 12:1-4] Ihanga Ryera ry’Imana ryagiriwe ubuntu n’Uhoraho Imana aho umwe muri twebge yajanywe mw’ijuru atari mu buryo bg’iyerekwa canke nzozi nkuko abantu babimenyereye mugabo yabanje gupfa akava mu mubiri hanyuma akajanwa mw’ijuru. Yagarutse haheze haheze iminsi itanu. […]