INTAHE Y’UWAKURIYE I KUZIMU AGARUTSE ATORWA N’ABAPOLISI KU KABURI.

“Hariho inzira nyinshi abantu batandukanye bakoresha mu kuja mw’isi y’umwijima. Benshi baza gutorwa n’abadayimoni babasanze munzu iwabo bakababgira bati dukurikire. Ushobora kuba uryamye usinziriye, uri mwitiro uriko urarota canke uri maso bariko baravuga iduwa n’ikorowani canke ku bushake bgawe ukaja mu kaburi, kw’isoko ry’amazi, mw’ibenga, mu kiyaga canke mu Nyanja akaba ariho umanukira mu kuzimu […]