Hariho abagomba kwiyahura kubera ibigeragezo, ni barondere ubufasha bareme

GUHABWA UBUFASHA NO GUTABARIZA ABANDIBakunzi b’ukwezwa n’ukugororoka kugira ngo mwibonere ubwiza bw’Imana mu buzima bwanyu, hariho ibintu biriko biraba bidahumuriza: Hariho umugabo yiyahuye i Bubanza asiga yanditse icete yuko yihoye amadeni yafashe kandi asaba yuko abana biwe bozofashwa; ⁠Hariho umugabo yitaye mu modoka ngo imwice mu Ruziba i Bujumbura, yavuze ati ababajwe n’abatamuretse ngo yipfire […]