Ijisho ry’umuvugishwa: Impanuka n’ubukozi bg’ikibi birabandanya kwibonekeza.
Mu gisagara ca Bujumbura, quartier Bururi zone Kinama, uwatowe kugira azotware quartier, umuryango wiwe wahawe ishano , ubu umuvyeyi wiwe aramaze guhwera abandi bakaba bariko barirukirwa. Ububisha bg’abantu butera bgiyongera, ikibi kikaba cinshi kandi uravye abakora ivyo usanga batonda mu mashengero ngo barasenga. Mu Ntara ya Gitega, Commune Gitega , aho bita I Takoma( près […]