Ihanga Ryera ry’Imana muri Uganda

Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana, rifise ibicaniro n’amashengero mu gihugu cacu c’Uburundi mu ntara zose n’imihingo yose y’igihugu. Tumaze imyaka itanu twigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo duhamagarira abantu ukwihana, ukwiyeza no gutunganya ingeso zabo kugira ngo bazobone ubgiza bg’Imana. Iyo myaka tuyimaze kandi dusengera igihugu cacu ngo Uhoraho ashitse ivyiza yasezeraniye igihugu cacu. […]