Ibivugwa cane mu Burundi ni itangazwa ry’ibiharuro vy’abatsinze amatora n’ibindi kuri uyu munsi.
Umusore (CNL) muri komine Buganda Cibitoke yakomerekejwe kubera impari z’imigambge. Haravugwa inama zitandukanye z’abasirikare bakuru n’abapolisi kuruhande rumwe, n’iyindi y’abanya politike bagwanya reta y’uBurundi kurundi ruhande Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana rihamagarira abubaha Imana bose kwihana neza, kwiyeza no gusengera uburinzi bgabo, ubgo imiryango yabo n’ubgo igihugu.