Burundi: ibintu abantu bafise ubutegetsi borandura mu gihugu babishatse.
Mu Burundi kuva tucaruka twakuze tubona abantu bicwa abandi bahunga bahorwa ubgoko bgabo. Uko imyaka yagiye irakurakuranwa hibonekeje ubundi bugizi bga nabo bgo kwicana, gukubagura abantu, gusahura igihugu, akarenganyo no kutitaho kurengera inyungu z’abanyagihugu. Uyu munsi ikintu co kwica no guhohotera ikiremwa muntu umengo ni ikintu abategetsi baraba bakarenzako amaso kuko citirirwa guhasha inkozi z’ikibi, […]