Abarundi baguma bubakira igihugu cabo ku manga y’amoko, ibinyoma, ukubesheranira, ubusuma, ugupfungana….

Uburundi ntibushobora gutera imbere Abarundi ubgabo badahindutse ngo n’uburongozi buhari ngo buhinduke. Mu gihugu hariho abari imbere y’abandi badafise imbono y’igihugu muri kazoza, n’iyo bayivuze bakabivuga ku karimi gusa kuko ibikorwa vyabo vyerekana yuko ataho Uburundi bgoshika. Abantu benshi bashira imbere igitsure, ingimba n’ububisha nk’uko aribgo buhizi; bakibagira yuko urukukundo, ubuntu n’ubugwaneza arivyo vyonyene bashobora […]