Muyinga:Umwungere w’Ishengero yagirizwa gufata umwigeme ku nguvu!

Hariho ibibi vy’urukozasoni bibera mu gihugu abantu bakabifata ibisanzwe mbere bamwe bakizagira ngo ni irementanya abandi nabo bakabirenza amaso. Mbere umupatiri wo mu ntara ya Ngozi yarashirashuje umwana atwara inda, abonye bimenyekanye yigira inama yo kugandagura imbanyi na nyina. Mu nyuma mu Ntara ya Ruyigi umwungere w’Ishengero afatirwa mw’isengero ariko aragoka ku mwana. Hariho n’ibindi […]