Uhamagariwe kwifatanya n’Abera bose amasengesho y’isi yose yo gusengera amasezerano y’igihugu c’Uburundi

Turi kw’igenekerezo rya 24 ukwezi kw’indwi umwaka wi 2023. Abizera Imana b’Abarundi aho bari mu gihugu cacu c’Uburundi no kw’isi yose, aho bukera batangura amasengesho yo kwisonzesha batarya kandi ataco banywa; azomara iminsi itanu kuva kw’igenekerezo rya 25 gushika kw’igenekerezo rya 29 uku kwezi. Ingo wifatanye n’Ihanga Ryera ry’Imana. Uwudashoboye kwisonzesha iyo minsi itanu azohora […]