« Abanyeshuri batubashe ingingo y’ishuri bohanwa n’amategeko y’ishuri »: SEPEDUC

Umukuru wa Sendika SEPEDUC Gerard NIYONGABO avuga ko kuba hari abanyeshuri bahanwa gushika aho bajanwa gupfungirwa mu nzego z’umutekano bigira ingaruka mbi ku myifato no ku mwimbu mu vyigwa.
Gerard NIYONGABO avuga ko mu gihe umunyeshuri amaze kubona ko ashobora kuja gupfungwa mu gihe akoze ikosa ryategerzwa guhanwa n’itegeko ry’ishuri, aca yiga afise ubwoba abona ko umwanya wose ashobora gupfungwa.

Avuga ati: »Iyo bishitse umunyeshuri agapfungwa kubera ingingo y’ishuri atubahirije, ntivyari bikwiye ko apfungwa, ahubwo igica gikorwa n’uko bamutuma umuvyeyi, bishitse kure naho akirukanwa kuri iryo shuri. »

Umukuru wa sendika SEPEDUC avuga ko iyo umunyeshuri amaze kuja gupfungwa kubera yarenze kw’itegeko ry’ishuri atakaza umutima w’urukundo wo kwiga, kuko asigara yiga afise ubwoba kandi atinya.

Gerard NIYONGABO agasaba abanyeshuri kwubaha amategeko y’ishuri ari ivyo badatahura bakabaza ababakurira uko bokwifata.

Ivyo abishikirije mu gihe mu ntara ya Bubanza abanyeshuri babiri bavukana bapfunzwe mu giporisi kubera banse gushira mu ngiro ingingo yo kwimwesha y’umushikiranganji w’indero.

Abo banyeshuri bahavuye bamobwa ku nguvu imbere y’uko basubira mw’ishuri. Abo banyeshuri basiguye bavuga ko idini barimwo ritabemerera kwimwesha.