Centrafrique: Grenade zakomerekeje 20 mu giteramo c’umuziki i Bangui

Republika ya Centre Afrique imaze imyaka irangwamwo umutekano muke

Abantu bashika mirongo ibiri bakomeretse muri Republika ya Centre Afrique igihe haterwa amagrenade mu giteramo c’umuziki ku murwa mukuru Bangui.

Umunyamuzi azwi muri ico gihugu yariko arateramisha abantu mu buriro bwitwa Crossroads Peace, mu karere gatuwe n’Abaislamu benshi muri uwo muji.

Ako karere karabayemwo ubugizi bwa nabi nk’ubwo bwinshi mu myaka iheze.

Republika ya Centre Afrique irahungabanye cane, kandi kenshi ubwicanyi buba hagati y’imigwi yitwaje ibirwanisho y’Abakristu n’Abaislam.

Uwo munyamuziki, Ozaguin, yavuze ko batandatu mu bacuraranzi biwe bakomerekeye muri ico gitero.