Cibitoke: Abana 3 batowe ibiziga mu ruzi Nyamagana.

Abo bitavye Imana ni Roth Hitimana, Iteriteka Bienvenu b’imyaka icumi, hamwe na Hakizimana De la Chance w’imyaka icenda.

Abo bana bari basigaye muhira, mu gihe abandi bari bagiye gusenga, bakaba batwawe n’amazi y’imvura nyinshi yaguye.

Muri iyo mvura, n’amazu ataramenyekana igitigiri yarasambutse, nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke.