Ndacafise ibisebe mu mutima
Ndacafise ibiseme, udukomere nibiguma kumutima wanje. Ninde yobimvura ga yemwe? Haracariho ibintu vyinshi mbona bikantoneka kumutima.
Ndibuka isoko yo mu kivyuka i Bubanza. Ndibuka Ishengero ryo ku Rutemba Komine Bugarama. Ndibuka ishengero yo mu Rusengo muri porovensi Ruyigi,aho hose ni ahiciye abarundi bo mubwoko bwabahutu isinzi maze bahambwa mu binogo bimwe.
Ndibuka kandi abantu 58 bishwe bongera bagahambwa ikivunga ku mubone i Gitaza,ndibuka abantu barenga 100 bishwe mu migera ya Kabezi, ndibuka abantu bababa 110 bishwe muri komine Bugarama ahitwa Mihororo, abantu 48 bose b’abagabo muri Site yari aho mu mihororo, abantu 98 biciwe muri komine Burambi, abanyeshure bishwe mu Kibimba, na 220 etudiants(tous hutus tués par ORECO du Campus Mutanga, Kiriri Et Zege maze bahambwa aho bise place de l’unité. Aho hose Bakaba Bishwe n’abasoda b’abatutsi bahagarariwe na ya ngona Buyoya, bahambwa mu binogo vy’ikivunga.
Mbe Amnisty International ntiyaribwo ivuke? Canke satelites ntizari bwatangure gukoreshwa? Mbega Onu, union Europeenne na Union Africaine ntivyari bwabeho? Muranyishura. Ni munfashe mumbarire. Nzovyibagizwa niki? Ndacavyibuka kandi ababikoze ndacababona ngaha. Iyo nsinziriye niyo nikanguye nguma ndababona.
Iyo batenye grenades mubantu, iyo barashe mubantu, iyo baturiye umuntu mwipine canke bakica umuntu bakamugirira ivyampfurambi, iyo bishe umuntu bakamukuraramwo umutima, canke bakamuca ibihimba vyirondoka, nca mbona abaribo. Nca ndabibuka nkibuka nivyo badukorereye.
Iyo nsomye ivyo bandika kuri Facebook, kuri whatsapp, kuri viber, kuri telegram no mubinyamakuru, nca nibuka ivyo bamye bakora, batwomora muma quartiers yabo, batwomora mumashure, batwangaza iyo batatwishe. Ndacabibuka bitwa aba JRR bagutwaye ntugaruke, bitwa aba UFB ndacabibuka bagarutse biyita aba sans echecs, aba sans defaites, aba gendarmes nabandi. Ndacabibuka.
Ndabazi kandi ndababona, bambaye nkatwe, bavuga nkatwe, basa natwe kandi turirirwana mugabo bafise uburyarya. Bagenzwa no kubesha, guteranya no kwibazako badusumvya ubwenge, kwibazako badusumvya ubwiza.
Barahenda abazingu nabo bakajanarwo, barahenda na bamwe muri twebwe kandi bakaja narwo. Ndacabibuka kuko ntaho baraja. Iyo basaba imbabazi nari kuvyibagira mugabo baracarondera kudusubiza mubuhungiro, baracarondera kudusubiza mwikambi yimpunzi, kutwomora canke kutumara nkuko babigerageje muri 1972, 1988, 1993 nubu bakiriko. Sinzobemerera kuko ndacavyibuka kandi nabo nyene ndacabibuka.
Ndavuga aho mbabara ngo teriyo sema ngo ni umunyamacakubiri ngo nzura akaboze mugabo amaraso ya bene Burundi bobo mwanize aguma avuza induru iyari mubinogo rusangi.
Mpore ko En 1995 abasoda ba bikomagu n’inkotanyi bagiye guhonya abahutu182 bari bahungiye kuri Eglise Pentecote iRusagara muri Commune Mugina Province ya Cibitoke.
Mpore ko En 1972 cazira kuririra ba data , ba sokuru bishwe kukiyeri kujenge ngo nico bababaza bagaherayo kikanazira kubaririra.
Mpore ko en 1972 muri commune Rumonge Zone Minago ku Kibuga c’umupira hagati pahamvye abahutu 67. Ahonye nyene 1994 bishe abahutu 50 bahavye mu kinogo rusangi mw’itongo rya paroisse Minago.
En 1994 mu Kamenge Q.Taba Col Bayaganakandi atikiza abahutu 124. Mumaso yacu. Ndabihore ntihagire ubibuka! Bafise impfyuvyi nabapfakazi basize, ntibazobihora.
Ndacafise igikomere kumutima. Ni nde yokinvura? Ndarindiriye inyishu yawe. Jewe mvuze aho mbabara nawe vuga ahawe maze dukire twese.
Ben Ahigombeye