« I Burundi burije ariko bugire buce »
Twihweje ibibera mu Burundi mbere munagomvye tukanabigereranya no mubindi bihugu, Uburundi buragowe cane gusumba ahandi kuko bwugarijwe n’ubwicanyi ndengera butungane, ibisida, indwara, akarenganyo, ibiturire, ubukene, inzara, igitsure, ubusuma, umutekano muke, ugukumirana, bugunge, n’ibindi vyinshi.
None ivyo vyose Président Petero Nkurunziza ntabibona! Zantwazangabo ziwe na zanararibonye ziri m’umugambwe wiwe zibivugako iki? Ivyarivyo vyose abarundi bazotinda bababaze iyo bariko barajana igihugu cacu c’uburundi.
Turashimiye inama nkuru y’abepiskopi gatolika kucegeranyo cayo yashikirije aho yerekanye amakenga ifise kungene igihugu c’Uburundi cifashe uyu munsi, bakongera bagaha impanuro ruvyeyi abarundi bose.
Iv’igihugu cacu by arabuze umuti gushika aho amakungu yose nayo yihagurukiye mugabo ntivyatevye aramaze kubizinukwa. Aha twovuga nkintumwa zari zigizwe n’urwego rwinama nkuru y’umutekano kwisi rwa ONU, ukwishikira muburundi kwumunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ukwiyizira mu Burundi k’abakuru b’ibihugu vya Afrika batanu co kimwe na Archibishop wa Canterbury. Abo bose bakaba bari baje guhanura Petero Nkurunziza nabiwe ngo bafate inzira y’ amahoro. None abari ku butegetsi baciye batamba baratarika ngo buratsinze rurayi ! Haba namba. Ahubwo impinga iracari ndende. Abarundi ntibari bwigere bakora ibintu nkivyikehabwenge, twizere rero yuko bashobora kwigarura.
Ndaguye ndagarutse, ntanakimwe kiba munsi y’ijuru Imana Uhoraho aba atazi. Ni mwibuke, uko vyagenze mugihe ca Farawo ( Kuvayo 5,6,7-13)Imana ikoresheje umusavyi wayo Mose yakoze ibitangaza imbere y’abisilayeli, imbere yabanyegiputa mumaso ya Farao mugabo nticabujijwe yuko akomantaza umutima gushika aho aja kurwa mu kutaja gitukura ningabo ziwe zose. Ivyabaye kubana b’isirayeli bava muri egiputa (mu misiri yubu) Bitubere icitegererezo kugirango bitwigishe ku bimenyetso vyibihe. Nivyo bigiye no gushikira ihanga ry’Imana ryi Burundi.
Ubu harageze yuko dutumbereza amasengesho yacu tuti : « Mana yacu yo mw’ijuru wewe Segaba wamahanga waremye ijuru n’isi, ukarema umwana w’umuntu mu muco udadanzwe w’inshosho yawe bwite, turagusavye Mwami wacu ukore ivyo wemeye, usohoze rya sezerano waturaganiye. Twebwe abawe turakeneye kugushimira niwadukura muri ubu buretwa. Nawe Mana yacu ni wiheshe ca cubahiro cawe! » Tuzotanga ikimazi c’ishimweku Mana Uhoraho nitwambuka yorodani kuko isa naho yuzuye.
Kumbure ushobora kwibaza uti ivyo vy’indagano muvuga ni ibiki? Nagomba ndabamenyeshe yuko kuva kera turiko turasenga dusengera amahoro yigihugu cacu, Imana yatwihishuriye ikatubwira iti : « Ndababwiye ukuri amakungu yose iyava akagera azokoranira ikibazo c’Uburundi, ariko kizonanirana kugeza nihagurukiye jewe ubwanje. » Yaduhaye n’ibindi bimenyetso vyinshi bimaze gushitswa. Uretse nivyo yaduhaye isezerano yuko tuzorarwa uburundi bugacika igihugu c’amata nubuki. Nico gituma rero twitwa abisezerano.
Ushobora kuvyemera canke ntuvyemere ubwo ni « uburenganzira » bwawe mugabo ico twokubarira coco ni uko Imana ikunda uburundi n’abarundi bose kandi yabatoranije kuba ihanga ryayo. Igiye gukorara ibitangaza n’utwumiza mumaso yanyu kugira ngo nabafise imitima itizera mwibonere namaso yanyu yuko Imana yacu irahambaye.
Mbere twobabwira yuko birya biganiro abarundi barimwo cokimwe nivyo bimirije vya Prezida Mukapa na Museveni, ari iyindi ngiro kugirango ya ntego y’Imana ikwire.
Bantu b’Imana Nyeningabo reme mu mitima yanyu. Imana ihabwe ikibanza ciza kibereye mumutima yanyu kugirango ibashikirize mwebwe abayo Isezerano. Mwirinde kwanduza imitima yanyu, kuvuga nabi no gukora ibibi nkabo bariko barasuka igihugu mukaga basongera isibe. Ahubwo nyabuna duhaguruke twese dusenge maze Uhoraho adutabare.
Barundi, barundikazi, rwaruka tubasabira tuti Imana ibahe ihumure, mumenye yuko gutabarwa kwanyu kutazova mubiganiro i Arusha canke se i kigali, i Kampala canke ahandi mugabo yuko ugutabarwa kacu kuvuye mw’ijuru ku Mana yacu bidatevye. Mumenye rero yuko atamvura idahita kandi yuko atajoro ridaca. Ehe burije ariko rero ntibutevye buribuze guca.
Umwami wacu Yesu Kristo abane namwe mwese!
Bigiriwe i Bujumbura kuwa 07/03/2016
Khuro Murihano
