Ikirangaminsi c’amasengesho kuba rundi bose

« Ijambo ry’Imana ni itara rimurikira ibirenge vyacu » atajambo ry’Imana twogendera mu mwiza w’umuzimagiza. Nico gituma tuzoguma twibukanya ijambo ry’Uhoraho ryo mumadini yose, amashengero yose kugirango abisezerano n’abandi bose baronke umuco. Tange ijambo ry’Imana wahawe kuko ngaha mugihugu no mu mahanga abarundi turakeneye umuvyuro, ikanguro kugirango abantu bose batakambire Imana mukuri no mu Mpwemu. Bantu mwese ni mugire ibicaniro vy’amamasengesho mungo no mu mu hana iwanyu maze twese twambaze Imana yo mwijuru itabare uburundi. Murashobora gukoresha ikirangaminsi c’amasengesho y’abisezerano kugirango iminsi yose habe hariho abarundi bari imbere y’imana:

Umunsi            Intara Ibihugu
Kuwa Mbere Bututsi-Mugamba Bulaya
Kuwa Kabiri Buragane-Kumoso Aziya-ostraliya
Kuwa gatatu Amasengesho ya twese Twese
Kuwa Kane Kirimiro-Buyogoma Afrika
Kuwa gatanu BuyenziBweruBugesera Canada
Kwisabato Imbo-Mirwa Amerika
Kuw’Imana Amasengesho ya twese Twese

regions-naturelles