Ubuhanuzi
Amahoro mwene Data aho uri hose muburundi no mumahanga.
Turafise ibintu vyinshi Imana yacu yo mwijuru se w’Umwami wacu Yesu Kristo yaduhishuriye kuva kera kandi nubu ibandanya itwibutsa. Bimwe ni ibanga tutobabwirira ngaha mugabo twobashikiriza mukiyago imbonankubone. Mugabo rero, yaradutegetse kwama twibutsa ihanga ryayo ivyo yavugiye mukanwa kabavugishwa nayo vyose n’abakozi b’Imana Isumba vyose. Vyinshi muvyashitse kwisi no ngaha mugihugu iwacu Imana yari yarabiduhishuriye kimwe kukindi. Hari vyinshi tugiye kubona vuba. Uturorero:
-Imana yatubwiye yuko amakungu azokoranira ikibazo c’uburundi muvya politike no muvya gisirikare mugabo yuko bose kizobata kuwamazi gushika aho Uhoraho wenyene ariwe azihagurukira maze akigihindure igihugu c’amata n’ubuki.
– Imana yaratubariye kandi yuko izotobora iriba ry’ikanguro mu gihugu c’uburundi kubera ibitangaza izohakorera, gushika naho abanyamahanga bazohora baza kunywa kuriryo riba. N’abarundi bazokwakirwa n’amakungu kugira ngo bakangurirwe kwubaha Imana.
– Uhoraho yavuze ati: « Murico gihe, abarundi b’amoko yose, b’imihingo yose n’amadini yose bazonyambaza mukuri no mumpwemu barengera ubutandukane bwabo kuko bazoba biboneye ibitangaza nabakoreye. »
-N’ibindi vyinshi…tuzobayagira…
Ncuti nawe muvandimwe, urahamagariwe kwihana, utunganywe maze twinjire mumasezerano y’Imana Ihoraho. Murakoze!
Khuro Murihano
Abisezerano
