Ndabaramukije mwese ncuti namwe bagenzi tutari duherukanye mw’izina rya Yesu Kristo!
Ndabipfurije n’umusi mukuru mwiza wa #Pasika kuri mwese mugihumeka,na cane cane kubizera #IsirayeliYaKabiri!
#Pasika bisobanurwa ngo #Kujabuka: Uburundi buri mubihe vyo kujabuka kandi rumwe rumara zibiri ,igihe ni ikinyene. Imburabwenge zavuze ko ntasezerano ririho ku Burundi,abandi bati Isirayeli ya Kabiri ntibaho ariko harî abatazobibona bakiri bazima kuko bahakanye ijambo ry’Umuremyi.
Umusiguzi yavuze ko ikintu cose gifise umwanya waco kandi ntiyabeshe; igihe cogukomantaza imitima carangiye hagiye gukurikira gukomvomvora Farao n’umurwa wiwe n’abakora ibizira bose. Kutumvira kwose ubuvugishwa n’ijambo ryavugiwe mukanwa k’abavugishwa nayo bigiye guhanwa,witunganye wewe mukristo wizeye isezerano kuko utazopfa utaribonye!
Nube umuhizi ,turajabutse wihagararire urabe Imana irwanirire isezerano ryayo, urabe agakiza igira ngo ikuzanire!
« DUKEBURANE KUBIBA IWACU
_______________________
NDABARAMUKIJE MW’IZINA RY’UMWAMI WACU YESU KRISTO
IBI NGIRA MVUGE MUBISHIREKO UMUTIMA CANE.
1) VYARAVUZWE KO INTAMBARA IGIYE KUBA MUBURUNDI KUGIRA NGO IMANA ISANGANGURE INTWARO MBI ZOSE YONGERE IHANE IZO NTWARO UKO ZAGIYE ZIKURIKIRANA ZIKAMENA AMARASO Y’INTUNGANE ,NTIHAGIRE UBUTUNGANE BW’UKURI BUKORA,NONE IGIRA IBWIKORERE;
-ICO IMANA YASAVYE ABARUNDI,NUKWIHANA MUGAHUNGIRAMUMARASO YA YESU KRISTO YONYENE KO ARIYO ASHOBORA KUKURINDA,ARIKO UKO MBIBONA ABARUNDI UMENGA NTACO BIBABWIYE. UZUBONA ABANTU BIBEREYE MUTUBARE,UBUTAMBIRO N’AHANDI. MUZOPFIRAYO KANDI NTAKAGONGWE.
2) HARI ABANTU BAMENYA KO IMBONERAKURE CANKE SNR IBAHIGA UKAZA WUMVA NGO NDARINDIRIYE NDABE,UKAMENGA NTAMUTIMA BAGIRA WOBAGIRA INAMA YO GUHUNGA. ZE MURABARINDIRA MUZOHUNGA BASHITSE KURUGI.
3) UKUTAGONDA IZOSI KW’ABARUNDI BENSHI,KUZOTUMA HAPFA 1/3 Y’ABANYAGIHUGU B’UBURUNDI. CALCULEZ _MUTORA 3,000,000 ZIRENGA ZIBWIRAZWA GUPFA ZIZIZE UKUTUMVIRA,NO KUDAHUNGIRA PURI YESU,KWIYOROBEKA(CFR NKURUNZIZA ,BUNYONI N’AMASHENGERO YABO NGO N’ABAKOZI B’IMANA KANDI BAZI KO BAKORERA SATANI).
4) ICO FASHA BA DATA NA BA MAMA,BASHIKANJE NA BENEWACU ,NI YESU GUSA NAYO IVYO WOKORA VYOSE NTIBIZOGUKINGIRA GUPFA NIMBA UTARIHANA,NTUZOBONA ISRAEL YA KABIRI.
NDANGIJE MBIPFURIZA KWUMVIRA,MWAKIRE YESU NK’UMWAMI N’UMUKIZA ,NIVYO VYOBAKIZA,MURAKOZE! »
Burundi = Isirayeli yaKabiri!
