Ukwitanga n’ugutanga kub’isezerano: Nkuko mwabidusavye.

  Bagenzi, bakunzi namwe hanga
rw’Imana tubipfurije kugira ibihe vyiza. Uko biri kwose turashima ibihe Uhoraho ariko araducishamwo (abarundi bose n’abisezerano vyumwihariko) kuko turazi neza yuko tugiye kwogorora. Twarugururiye imiryango n’abari kure bose kuko nabo nyene bafise isezerano Imana yasezeraniye abarundi bose. Mukurindira yuko ibihe biba vyiza, kandi nkuko mwabidusavye, twashize kuri ya site yanyu http://www.abisezerano.com; wamuhora wa PayPal uborohereza guterera abisezerano biboroheye. Ushobora guterera n’ifaranga rimwe kukwezi eka utanga uko ushoboye. Ituro ntirigawa. Ibuke ico Umwami Yesu yavuze kuri wamupfasoni yatanga i senge rimwe gusa. (Mariko 12:41-44)

Uko bigenda ni uku:

1. Ukoresheje telephone ngendanwa yawe canke imachine kamenyi ( ordinateur) wugurura site http://www.abisezerano.com

2. Ugaca urondera ahanditse intererano yawe. Uca ubona ishusho yamabara yanditse « faire un don » ugaca uyifyonda.

3. Mukanya gato ica yuguruka ukabona ahanditse abisezerano nigitigira ushaka gutanga mumadolari. Naho ayutanga ari mubundi bwoko bwamafaranga ntugire ikibazo hadushikira ayo wemeje mumadolari.

4. Uca ubona baguhitishamwo kutereza PayPal canke ikarata ya banki. Uca uhitamwo. Ukoresha ikarata ya banki baca bagusaba inomero yikarata na code nkuko vyama bigenda.

5. Uhejeje kuvyuzuza kanda hepfo kubandanya » continuer » gutyo baca bakubwira ngo urabe neza yuko wanditse vyo. Maze ugaca urungika.

6. Harya bagusaba email na nomero ya telefone baba bagomba kukumenyesha yuko waterereye vyukuri canke aho woba wihenze. Natwe kuriyo email na telephone turaheza tugaca tukurungikira bidatevye igitansi canke recu yayo waterereye. Ngahorero gerageza urabe ukande kuri « faire un don »

Akarusho:

A. Biroroshe guterera wibereye mucumba cawe, kukayira eka ahuri hose atamuntu murinze kubonana.

B. Nta taxe canke commission utanga, nta bus canke taxi uriha, nta sango canke amatelefone arinda gucanacanako. Ntanuwurinda kugusanga ahuri.

C. Ntawundi abimenya yuko waterereye atari abarongozi kandi ntawuzogutunga urutoke kuko na recu yawe uyironka mwitelephone na email gusa.

Ngaho rero murahawe kaze mwese gukora umurimo w’Imana aho muri hose. Tange ubu butumwa kuri bose kandi hose. Kuko « muri mwenyene muri ima (nkiryimvura) ariko turi kumwe n’abandi twese turi ikiyaga (isegeya) » Murakoze!

http://www.abisezerano.com