Amasengesho n’impamvu zayo kw’igenekerezo rya 1/4/2016.

🔔UMUTUMIRO 🔔 W’AMASENGESHO 
Amasengesho yo kw’igenekerezo rya 1/4/2016 azomara(24h)

Kuva 6h zo mugatondo kugeza 6h zakandi gatondo. Ijoro n’umurango. 
Bakundwa ncuti z’umusaraba, ndabaramukije amohoro y’Imana abane namwe!
Uno musi twagomba kubamenyesha icatumwe tugira umutwaro. Ni izi mvo zikurikira: 

-Ikintu nya mukuru nuko mwomenya yuko Uburindi butameze nkibindi bihugu vyo kw’isi. Bufitaniye isano rinini n’igihugu ca Isirayeli kuri vyinshi kandi tubifitiye nivyemezo.

-Imana yarashimye kandi ikunda Isirayeli n’Uburundi ibirutisha ayandi mahanga. Nico gituma Satani (Shetani) afitiye ipfuhe rinini igihugu cacu kuko arazi amasezerano Imana yakivuzeko.

Bamwe babona twebwe twiyemeje gusengera Uburundi ko twabuze ico dukora ihibambewe nuko dufise ibanga Uhoraho Imana yaduhishuriye. Ico dukora turakizi niyo tuvuye turahazi kandi niyo tuja turiko tuhabona. Hasigaye gato kugira dushikire umuco wa rya kanguru n’umuvyuro. 

-Mu mwaka 1971 Imana yaravuze kubizoba c’igihugu c’Uburundi ingene hagiye kubaho isubiranamwo kubonse rimwe hameneke amaraso n’abandi bangazwe kandi niko vyabaye. 

-1973 hari ibindi yavuze kubijanye n’isezerano rizoba kw’ihanga ry’Uburundi uko rizomera. Kandi vyinshi biraboneka ubu.

-1979 hari umubirigikazi yabwiye umukoziwayo nyakwigendera uko ibintu bizogenda bikurikirana gushika igihe Imana izotabarira abarundi. Nivyo turiko turabona uyu munsi.

-1984 i Nyakabongo muri zone Rubirizi Mutimbuzi abasenzi babwiwe yuko hazoba abaperezida 5 hanyuma yuko uyo wagatanu ariwe azokwiyongeza hace havyuka imvururu iBujumbura hanyuma buke buke bizotambukira igihugu gushika aho Imana izohaguruka itabare kugira ishitse isezerano ryayo. 

None mubona vyifashe gute yemwe muri mugihugu canke abakurikirana hafi ibihabera? 

-1992 harabandi bariko barasenga(babonekerwa) babwirwa yuko hagiye kuba:

A. amatora kandi hazotsinda umuperezida azotwara kumwe ikigori gihetse kandiko azokwicwa n’abamurindira ubuzima. 

B. munyuma haje kubutegetsi uwundi azopfira mu gihugu kibanyi.

C. inyuma yivyo hazoza uwundi mukuru wigihugu azomwirukanwa hagaruke kubutegetsi bwuwahoze atwara uburundi. 

D. inyuma yaho hazoba imishikirano izotuma habakugabanganya ubutegetsi ariko hazobamwo ibinyoma no guhendana ntibizorama. 

E. Barabwiwe yuko hazoba amatora haboneke umuperezida azoza yambaye ishusho y’umukozi w’Imana ariko azoba ari integuza imbere yuko havyuka akajagari kameze nkuko bigenda iyo abana bariko barakina. 

F. Imana yongeye ivuga iti: » Mu gihe mutazi, abantu bamaze kwihebura niho inzohagurutsa isake zibiri zisekane habe urubeya kandi nzihorera kubw’amabi yabo. » 

G. nuwahoze kubutegetsi azoshaka kubugarukako kunguvu vyanse haze abaza gutabara uyo yagomba kwiyimika mugabo azopfa . 

H. Izo ntureka rero zizomara imisi itatu mugisagara ca bujumbura n’ameze atatu mugihugu cose. Murico gihe niho uwo Imana yimikije amavuta mw’ibanga kandi yanyegeje mw’isenga nka Dawidi azoca aza kuyobora igihugu hace haboneka ikanguro n’umuvyoro nyavyo, kuburyo n’ayandi mahanga azotangazwa n’ibibaye mu Burundi. YESAYA 60:21-22. 

J. Abo mumahanga bazoza kuvoma imigisha i Burundi kandi n’abarundi bazokwira amahanga kwamamaza ubutumwa bwiza. 

K. Hazoba ikanguro ridasanzwe gushika aho nabamwe bazicirwa mu bihugu nku Buhindi n’ibindi vyo muri Aziya bacibwa amasozi kubera kwamamaza ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo. Imana yatubwiye vyinshi.

Rero reka tubikurikirane hafi tubisuzume. GUSUBIRA MU VYAGEZWE 18:22, JEREMIYA 28:9 & 1TESALONIKE 5:20-21.

Iyabivuze niyo kwizigirwa no kubikora izobikora.

Erega 👁Igihe hatabaye uguhishurirwa abantu bigenza uko bagomba.

IMIGANI 29:18.
Ibikir’amabanga n’ivy’Uhoraho Imana yacu. GUSUBIRA MU VYAGEZWE 29:29.
Rero turindire imirindi y’Imana nkuko yabibwiye umwami Dawidi.
🗣 »Imirindi yo gutabarwa »đŸƒđŸŸ

 

Imana idutegeka ko dusemerera tumenyeshe abarundi aho bari hose ntibifate uko batari bamenye kw’itandukanya n’ikibi icarico cose duhindukirire Uhoraho nayo iduharire.

ThĂšme: « TWITATURE » 

YESAYA 1:16-20 Ni twemera tukumvira tuzorya ivyiza ariko tugararije hazoba ibihano n’ibara rikomeye. NAHUMU 3:4-6. -Twisengere kugira igihuhusi ntikizotugurure.

-Twisengere kugira dushobozwe guhimbara Imana. 

-Twisengere kugira ngo twezwe kandi tuvugutirwe.

đŸ‘đŸŸTubaye turabakengurukira mu kigoro muzogira mu kurondera munyonga z’Uhoraho Imana. Mumenyeshe abandi kugira bamenye ico Imana ibagombako.

Tubifurije amasengesho meza atarimwo uburyarya n’ikinyoma kugira mubashe kumenya amabanga ahishijwe Imana yabahishuriye.

Turinginze uzogira ico abwiwe n’Imana atwandikire.

1 AB’I KORINTO 14:26 

Tubifuriza yuko amahoro y’Imana yobana namwe mwese, Murakoze.

Bigiriwe i Cape Town (SA)

kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2016. 

 Pasteur FidĂšle Nkeshimana.

â€ȘTel +27 63 559 8370‬

Email: fidele_nkeshimana@yahoo.fr