AMASENGESHO YO KUWA 30/3/2016 kuva 6h zo mugatondo gushika 18h z’umuhingamo.Thème: « Ihane ihane ihane, uhunge uburake bw’Imana bugiye kuza vuba » JOWELI 2:12-13.
Hanga bwoko bw’Imana bwabarundi aho muri hose.
Amahoro y’Imana abane namwe mwese.
Twongeye kubibutsa ko
twitanga mu gikorwa co guserukira abarundi n’Uburundi.
Tugomba tubamenyeshe ko dufise amasengesho dusabwa kwitatura n’Uhoraho kurivyo vyose itugayako.
Nubu Imana iguma isemerera ihanura abantu ngo bihane.
Ivuga ko hagiye kuza ibihe bigoye naho bamwe bahendwa ngo n’amahoro ariko bazokubirwa giturumbuka batagira gitabara.
Imana isezeranira umugisha abihanye. HOSEYA 14:8-9
Menya neza:
-Twibuke gusengera abafunzwe, impfuvyi, abapfakazi, abana bo mubarabara, impunzi, abatarikumwe n’imiryango yabo n’abari mubuzima bugoye.
YAKOBO 1:21-27.
-Twibuke gusengera igihugu ca Isirayeli hamwe n’abisezerano bari mumihingo itangukanye.
ITANGURIRO 12: 3
Turabashimira no kubakeza mu gikorwa mwiyemeje co kwitangira Isirayeli n’abarundi n’Uburundi.
Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo n’imigisha ikomoka ku Mana bibane natwe twese.
Mweneso Pasteur Fidèle