AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU kuwa gatatu, igenekerezo rya 11 Rusama 2016. Kuva 6h zo mugitondo gushika 18h zo ku muhingamo.
Ncuti namwe bagenzi dusangiye urugendo, turabaramukije Amahoro akomoka ku Mwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Aho muri hose tubifurije kuroranirwa.
Bene Data, urugendo turiko rurarusha ariko abiteguye kandi bizera ko Imana Yonyene ariyo Ishoboye, nibo bazoshika kw’isezerano.
SOMA MU GUSUBIRA MU VYAGEZWE 8: 11-20.
Ijambo ry’Imana Ridusaba kutibagira ivyo Imana Yacu Yatugiriye naho tuzoshika hakurya mu gihugu c’isezerano.
Dusengere abantu bari mu ntege nke hirya no hino, abagishaka kwigwanira, abakiri mu buhumyi n’ukwihebura ngo nabo baze mu nyonga z’Uhoraho, duce bugufi tuvuge tuti: « Data Uhoraho, turaje imbere yawe duciye bugufi, utubohore tuve muri izi ngoyi za satani duhaguruke dukomeze urugendo rugana mw’ihanga watugerereye »
Imana Ibahe kuyimenya gusumba.
MURAKOZE
Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 10 Rusama 2016.
ABISEZERANO.
