🔵IJAMBO RY’IMANA🔵
IGISOMMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (20, 17-27)
Muri irya misi,
Pawulo amaze gushika i Mileti, ararengukisha abakurambere b’Ekleziya ya Efezi. Bamaze kurengukira rimwe, ababarira ati : « Murazi kuva aho nshikiye muri Aziya ingene twagendanye, nkorera Umukama mu kwicisha bugufi, mu marira no mu makuba naterwa n’imitego y’Abayuda. Nta ho nigeze ndabahisha icobafasha, sinasivye kubigisha igihugu gikinje canke mu mazu ya bamwebamwe. Namye nihanikiriza Abayuda n’Abagereki ngo bagaruke ku Mana mu kwemera Yezu Umukama wacu.
None ehe ubu ndi nk’uwuboshwe na Mutima, ngiye i Yeruzalemu ntazi akari imbere, atari uko Mutima Mweranda nyene ambwira mu bisagara vyose ko nzohasanga urwanko n’imvuto. Mugabo, jewe nta co bimbwira kandi ugupfa ntikuntera ubwoba iyo mpfuye kumara urugendo rwanje, nkarangura ubutumwa nahawe n’Umukama Yezu, ari bwo kumenyesha Inkuru nziza y’ikigongwe c’Imana.
Egome, ndazi ko mutakinkubita ijisho, mwebwe mwese namenyesheje Ubwami bw’Imana. Ni co gituma uyu musi nemeye imbere yanyu ko ata wuzondira nabi muri mwebwe, kuko ata co ntagize kugira ndabigishe ico Imana ishaka cose. »
IZABURI 67 (68) 10-11, 20-21
Icit. : Mwa ntara zo kw’isi yose,
nimuririmbire Imana yanyu !
Canke : Aleluya.
Mana nzima, watanze akavura kanywesha,
uremesha abantu bawe bajonjogoye ;
umryango wawe uraheza uronka urugo,
wari wateguriye umukene kubera ubuntu bwawe.
Umukama n’ashimagizwe imisi n’iyindi,
kuko Imana ari yo Mukiza wacu atubabaye.
Imana itubera Imana y’urukiza,
Umukama Imana yacu ni we aganza urupfu.
INKURU NZIZA
Aleluya.
Umukama yavuze ati : « Nzosaba Data,
na we azobaha uwundi Mutabazi
wo kwamana namwe imisi yose. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani(17, 1-11a)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru ati : « Dawe, ubutigu burageze : ninahaza Umwana wawe, Umwana wawe na we abone kukuninahaza yongere ahe ubuzima budahera abo wamuhaye bose kubera ububasha wamuhaye ku citwa ikiremwa cose. Ubuzima budahera na bwo ni ukukumenya Wewe Mana rudende y’ukuri n’uwo watumye Yezu Kristu. Narakuninahaje kw’isi, nararanguye ibikorwa wanshinze gukora. N’uninahaze ubu, Dawe, umpe bwa buninahazwa nari mfise hafi yawe isi itararemwa.
Naramenyesheje izina ryawe abantu wampaye, wabakuye mu bandi. Bari abawe, urabampa kandi barazigamye ijambo ryawe. Ubu barazi ko ico wampaye cose cavuye kuri wewe ; kuko amajambo wampaye nayabashikirije, na bo barayakira, baramenya ivy’ukuri ko namuka kuri wewe bongera baremera ko ari wewe wantumye.
Ni bo nsabira, sinsabira isi, nsabira abo wampaye, kuko ari abawe. Erega, ivyanje vyose ni ivyawe kandi ivyawe vyose ni ivyanje ; muri bo rero, ndaninahajwe. Sinkiri kw’isi, yamara bo bari kw’isi : nanje nje iwawe. »
🔵TUZIRIKANE IRI JAMBO RY’IMANA🔵
