Ubutumwa bw’ umurundi yipfuriza abandi barundi amahoro ( anonyme)Kubera ko abarundi benewacu baguma bapfa ku munsi ku munsi, mu bwoko bwose mu migambwe yose no mu ntara nka zose; murundi murundi kazi niba hari ico wofasha mu kwirinda no kurinda abandi na cane cane muri bino bihe turimwo, gerageza witwararike kandi ukore ibi bikurikira:
1. Nihweje aya mezi 9 aheze abarundi bapfa mu buryo bumwe, itwararike kumenya abagutelefona ngo mubonane ( les rendez vous). Ntugende kubaraba wenyene bishobotse. Andika numero y uwo muhejeje muvugana ( dernier appel entrant) , ico aguhamagariye( objectif ou motif) kandi iyo karatasi ntuyinyegeze. Vyofasha amatohoza iyo unyurujwe canke hagize ibindi bigushikira.
2. Naho ntize ivy’ umutekano, ndakunda Général McArthur w’ umunyamerika yavuze ati: » there is no security in this world, there is only opportunity ». Ati nta mutekano uri muri iyi si ahubwo haboneka agahengwe gusa.
Nimureke kwijajara ndabasavye nshimitse:
# Tahe kare ntaco muzoba( hagati ya cumi n ‘ imwe na cumi na zibiri);
# Irinde guherekeza abaje kubaramutsa bagataha mw’ ijoro ( muherekeje ntimubarenze urupangu canke urugo).
# NTimukengere igihuha mbere n uwugitanze uwo ariwz wese kuko burya igihuha niyo nkuru .
3. Muraboba canke murumva ko abarundi benewacu baguma baraswa canke baterwa ama grenade n inkozi z’ ikibi ziri ku ma moto canke zigendera mu modoka nka probox canke TI. Ndabasavye muri mw’ ibarabara mwitwararike ibintu 4 biziririzwa:
@ kirazira kwinjira bus canke gufata imoto utabanje kuraba plaque yayo.Birafasha mu matohoza.
@ Mwirinde gutwara imodoka mubangabanwa( en parallèle) hamwe n abatwaye imoto bahekanye canke indi modoka usanga baguma bakuraba cane. Kenshi na kenshi ntibakurasa inyuma.umwicanyi aragutumbera.( position parallèle).
@ Kirazira ndasubiyemwo guha rendez vous umuntu utazi canke ngo muhurire ahantu hatazwi. Bishobotsz murondere aho mubanze mwandike ivyo muza kuvugana,aho mwavuganye muhurira. Niba wizera abo mubana,raba umwe muri abo mubana umubwire aho uroye.
@ kirazira kuguma usengera ahantu hamwe, unywera ahantu hamwe,wama wicaye ahantu hamwe, wama uca hahandi gusa… ( routine cane monotonie mu gifaransa). Ibi biragoye kabisa. Mugabo igore ndabasavye mwirinde routine kuko umwansi akunengera aho nyene. Mwibutse wa ko » imbwa bayitsinda ku mayezi= kenshi umwansi agutegera kur ico kintu ukunda cane….( paraphrase)
4. Aho muba hose. Kubafise ama telefone yanyu ni vyiza ko mutunga inomero ya chef de quartier, chef de zone, umukuru w ikirindiro c igipolisi kikwegereye canke commissaire….aba barongozi ubemera canke utabemera nibo binyaruka mu gutabaza no gutabariza uwuri m bibazo. Abafise ama telefone arimwo whatsap bobo biroroshe gutabaza canke gutabariza undi.
5. Twihweje ukungene ubwicanyi butari buke bukorerwa abari mu bubare canke abataha ijoro, ndabasavue munywe ariko mutahe kare. Ndabasavye mutahe kare. Ndasubiyemwo barundi barundikazi nimwirinde gutaha ijoro. Ndasubiyemwo ubwanyuma mwirinde inzoga mwirinde ijoro car la nuit tous les chats sont gris.
6. Bantu mukunda ama boites , kugorobeza mu ma hoteli n ahandi mwibaza ko bobategerera . ( votre faiblesse iri aho nyene).
7. Kubera ko itegurwa ry’ ubwicanyi usanga ribera ku ma telefone , abafise telefone zanone ziyifise,nimuy active kugira ngo umuntu agutelefonye umenye aho atumbereye.za murandika ama numeri y abantu muma telefone kugira ngo umumenye. Shiramwo kandi ama code ya sécurité . iyo twemera kandi yoroshe ni CM security( iroroshe no gu telechargea ugaca uy installa).iyi application ituma atawugusomera ibintu vyawe canke ngo akwitabire telefone iyo utari hafi yayo kuko ico ukora cose ubanza gukuramwo code( whatsap,appel, facebook, telegram,viber n izindi) . ntawugusomera message canke ngo ayugurure. Ibi birafasha harya usanga wasamaye kandi uwo muri kumwe acavyinjira muri phone yawe akagusuma urusaku cank akakurungikira ibintu agaca abisoma.montage ziza uko. Mbere ku mvo z’ umutekano, rimwe na rimwe n umugore wawe canke umugabo canke umwana n incuti ntare kuriwe kumenya code ya sécurité ya telefone yawe.( difficile mais pratique.
8. Grenade iturikiye hafi. Yawe si vyiza ko uca wiruka. Ryama hasi ubanz wihweze ibibaye. Ntugire ubwoba. Rinda gose.
Kubera iki?
* kenshi na kenshi uwutera grenade ari ku moto canke mu modoka( aha biragoye) aca agenda asa n uwunyororomba,asoboka, yigira uwutacovyabonye hala agaca avumbukana n abahatswe. Ubuho mbere baza abandi bari ku maguru bigira abasazi( futa mu mutwe ijambo umusazi). Ni occasion ahubwo kuri wewe yo kubona inkozi y ikibi ( ingene yambaye, no ya ya plaque y imoto canke imodoka iciye ivumbuka ubwo nyene.
* heza rero ugire position marcheben arrière ntuhaguruke kuko hashobora guterwa iyindi canke bakarasa. Biragoye kurasa umuntu aryamye hase canke kumutera grenade.
Murakoze gusoma no kwitwararika gukurikiza izi mpanuro. Nimwabikora,mukabirungikira incuti n abagenzi,muzoba mufashije abarundi batari bake bashobora gupfa kubera kwijajara canke kutamenya.
Imana mushobora vyose ikingire uburundi n abarundi.
Murakoze.
