Imburi y’umuyaga wigihuhusi uhamagarira abarundi bose kwihana.

SHALOM! IVYO NAHISHURIWE BUCA ARI ITARIKI 9 / 04/ 2016.

Nari maze igihe ntakambira Imana kubijanye nibigiye kuza mubucabuca bw’iryo joro niho naja munzozi Imana irambwira iti raba hejuru ndaterera ijisho niho nabona hejuru hari ishusho yirya foto benshi bakoresha nka Yesu .

Ahonyene nca mbona abantu batatu bambaye impuzu zera umwe muribo arambwira ati genda ubabwire ati :

Yantambara irashitse ntamwanya ukihari uti banguka ubabwire bihane kuko umwanya washitse.

Niko murako kanya naca niruka nja kwa mama nti mama nkuko nabikubwiye nti yantambara nama nkubwira uti yashitse kuko mama ntiyasenga ariko ubu arasenga cane kuva aho namuhanuriye ko yo kwama asenga ubu numukristo kuva nko mukwezi kw’indwi mumwaka urangiye.

Nca ndamubwira nti nimuhunge mwirukange .Nkivuye kwa mama mbona mukirere hadutse umuyaga utabagura yasanamu warukaze urandagura ibiti ninzu utera uza iyo turi nca ngomba gusubira inyuma mbwire mama ko yohava agahunga ariko babantu bambaye impuzu zera duhurira munzira bati ntuje kwa mama wawe twamaze kumubwira ko yohunga yahavuye .

Uti banguka uhave ndiko ndiruka nca mbona umuntu yicaye kuntebe nzi n’umwigisha aba mukaronda ndamubaza kuki wew utiruka armbwira ati wapi ndamubaza urya muyaga uragusiga kuko uyo nabonye mumyaka yahera bavuga ko yigeze kuba akora ibibi munyaka ya 1993.

Babantu barambwira iruka wew ntubona ko abandi bagusize ati kandi urabona abo birutse nibo bagiy gukira kuko ntamwanya uhari va ngaha hama niho nabona yashusho iguma ivamwo umuyaga ntaco wasiga . Yesu ashimwe kurabo bose baza gusoma ubu bua .

Amajambo arimwo uti mwihane kandi uti ntamwanya ukihari kuko igihe cageze uti mwitegure mwirukange mubabwire ko bokwihana kandi murabe numuyaga uje​.

Havyarimana Moïse