Shalom,Numvise mu mutima ko nkwiye kugira ico nshikirije nk’Umurundi kubijanye n’ibihe Igihugu cacu kirimwo!Abarundi barayamaze bti:iyo buba ubw’umwe bwari ikindi!Jw ndatangazwa cane n’abanyepolitike b’Abarundi ku buryarya butey’ubwoba bafise,aho baguma bavumereza ko ata kibazo c’ubwoko kihari,ariko mu kandi kanya ukumvango amahonyabwoko!Aho umuntu aca yibaza ibibazo bimwe bimwe,a,Mbega ihonyabwoko riba ryo iyo hapfuye nde?Hari ibindi vyanyobeye,i wacu aho navukiye nakuze bambwira ugwimo numva na za murere na ba mujeri,impfuvyi impunzi,n’ayandi mabi,mu nyuma numva Ntega na Marangara,bidatevye ngo Ndadaye arishwe,inyuma yaho Amasinzi y’Abarundi arahona,ariko mu vy’ukuri n’ubu ntituramenya abaduhekuye!ikibabaje kikaryana umutima,n’uko hari abahu benshi bariko bapfa bishwe n’abahutu bagenzi babo,hamwe n’abatutsî bicwa n’abatutsi nkabo!icibonekeza n’uko hageze cane ko Imana iza gutabara Igihugu cacu,Igishitseko ivyo yasezeranye kuva kera,maze Abayiteze tubone kuruhuka.Tube maso twitegereze kandi tubone iyo tuvuye aho tugeze n’iyo tuja,twitunganye tube imboneza mu bikorwa vy’impwemu n’ivyo mu kuri,twihe Imana nayo Idukoreshe nk’uko yabigabiye!twizereko amayeri n’amanyanga mu Gihugu catoranijwe nk’Uburundi,vuba cane bigiye kurandurwa burundu,maze tuzobone uburyo bwiza bwo kwitunga,gutunga abacu,no guteza imbere Igihugu catwibarutse tubone kwivomera amata n’ubuki mu mutekano ntangere!Imana Ihezagire Uburundi n’Abisezerano bo bazanye inyishu irama ku Gihugu cacu.Vyanditwe na Buhaga Michel
