Icirwa ca kane c’indwi ya pasika


IJAMBO RY’IMANA 
Indwi y’7 ya Pasika : ku wa kane

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (22, 30 ; 23, 6-11)

Muri irya misi,

Umukuru w’abasirikare ashatse kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo, aramubohora, aca akoranya abaherezankuka bakuru n’abagize inama nkuru y’igihugu bose ; Pawulo amanutse aca amushira hagati yabo.

Pawulo yari azi ko bamwe ari Abasadukayo, abandi na bo Abafarizayo, ni ko rero gushira ijwi hejuru ati : « Yemwe benewacu, jewe ndi Umufarizayo, none ico nzize ni uko nemera ko abantu bazozuka. »

Ntabaye akibivuze, Abafarizayo n’Abasadukayo basubira gutera kubiri. Koko Abasadukayo bigisha ko ata zuka rizobaho, ata Bamarayika, ata n’umutima uriho, Abafarizayo na bo bakavyemera vyose. Induru ija hejuru ga ; barahazuka bati : Nta kibi c’uyo muntu. Ni nde azi ko umutima kibure umumarayika atoba yamubonekeye ? » Umukuru w’abasirikare ngo abone bibaye nabi, atinya ko bohava bagwa kuri Pawulo ngo bamwegagure, abwira abasirikare kunyaruka ngo bamukure hagati yabo, ngo baheze bamujane mu kirimba.

Mw’ijoro, niho rero Umukama yaza guhoza Pawulo, ati : « Gumya umutima, nshaka ko n’i Roma unshingira intahe nk’uko wayinshingiye i Yeruzalemu. »

IZABURI 15 (16) 1-2.5, 7-8, 9-10, 11

Icit. : N’unzigame, Mukama, Mana yanje,

kuko ari Wewe musa nizeye.

Canke : Aleluya.

N’unzigame, Mana yanje,

kuko ari Wewe mahungiro yanje.

Nabwiye Umukama nti : « Umukama ni Wewe ;

nta mugisha mfise atari Wewe. »

Mukama ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,

Ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.

Mpezagira, Mukama, We muhanuzi wanje,

kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira.

Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,

kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa,

kandi umushaha wanje ukanezerwa,

umubiri wanje na wo ukaruhuka, ata co winona ;

na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,

umugenzi wawe ngo ahere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima,

imbere yawe agahimbare ni kose ;

iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

INKURU NZIZA

Aleluya.

Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,

aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)

Muri irya misi,

Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati : « Si abigishwa banje basa nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi umwe : jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe, abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa wampaye kuko wankunze isi itararemwa.

Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba nabo baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo. »

🔵TUZIRIKANE IRI JAMBO RY’IMANA🔵