Intasho ku bizigiye gutabarwa kuvuye k’Uhoraho. Turi n’iteka n’umunezero wo kubandikira kugira tubatashe twongere tubaremeshe muribi bihe bigoye vy’ikigatwa turiko ducamwo. Amahoro y’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo abane namwe mwese, Shalom shalom. Twagomba kubibutsa ko uno musi kw’igenekerezo rya 15 Rusama twibuka ko twahawe Mpwemu Yera canke Mutima Mweranda ariwo ( Pentecôte). Igihe Imana isezeranye irashitsa kuko izira kubesha. Twama tubibutsa yuko igihugu cacu c’uBurundi gitandukanye n’ibindi bihugu kuko kiri kumasezerano y’Imana mwemera canke mureka kuvyemera ntawubategetse. 🚨 ONU n’ibihugu bimwe bimwe n’ayandi mashirahamwe yo kwisi, ikibazo c’uburundi cabananiye gutorera inyishu nkuko Imana yabivuze ko bazofuruguta ariko bizobata kuwamazi. Ubu rero bamwe bahoze batuka leta ya NKURUNZIZA muribo bamwe batanguye kuyisemba bashaka ko bosubira kugiranira imigenderanire. Naho leta n’abayishigikiye bashize agati muryinyo ngo batsinze rurayi, Ihibambewe kuko muribo bamwe barazi ubuhanuzi ku Burundi uko buvuga n’ibimenyetso uko bigenda bikurikirana naho bavyirengagiza. Burya akataretse kaba gasema kuko ayo maraso ya bene Burundi aguma ataka uko niko bigiye guhinduka giturumbuka aho imbwa zarigase amaraso ya Naboti ariho zigiye kurigatira ayabariko basesa ay’inzirakarengane. Mwibuke ko Imana yavuze yuko igihe abantu bazoba bamaze gut’ivyizigiro niho izokwisidukira ikoreshe aboyatoranije kuva kera ko bazotabara kandi intsinzi yabo izotangaza abarundi n’amakungu. Igituma twipfuje kubibutsa uno musi nuko mwiweje wamuvuduko n’umushuhirano waya mirwi yiyita ko igiye guhabuza UBurundi, ubu basigaye bisabira ibiganiro kugira baronkemwo amagaburanyama kumwe bahendana i Arusha. Twebwe abisezerano tuvuga duti muzotumenyera kuvyo twamye nico gituma tutagomba kuvuga amajambo menshi ariko ibikorwa nivyo bizoduha izina ritubereye. Burya ntawica ico agiye gukiza kandi ntawutera ibuye aho yateretse igisabo bisobanura ko duteye ivyatsi abatera ama grenades mu banyagihugu kandi aribo bavuga ko bagomba guhabuza. Turahojeje imiryango imaze imisi ihekurwa n’abanyuruzwa no kwicwa ivyagashinyaguro kumwe akayabu kica imbeba. Turahumurije abagorewe mubusho ariko tubaremesha yuko « ntamvura idahita kandi ntajoro ridaca » na Yosefu karosi yagurishijwe na bene wabo ariko uwusi warashitse akurwa mw’ibohero aba uwukomeye muri Egiputa. Barundi, barundikazi namwe rwaruka; ayo mugowe mugiye kuyahozwa na nico gituma mukwiye kumenya ko igihugu kirwanirwa mu buryo butandukanye bukurikira: 1.Muguterera amafaranga, ibikoresho n’ibindi bijanye nivyo ingabo zikoresha canke zikenera. 2.Gusengera abari kw’isezerano kugira bakore ibijanye n’ubugombe bw’Imana. Rero utabikoze ntugire ngo ni wewe wenyene uzokira mu Barundi na Barundikazi kubwo kudaterera kwawe. Kuko ni wapfa kwiyumya mur’iki gihe, ntakizobuza Abarundi n’abarundikazi gutabarwa bakarokoka, ariko bivuye ahandi; ariko weho n’ab’inzu ya so muzohona. Nta wubizi, kumbure icatumye uba ukiriho n’ukugira ngo uze useruke mu gihe gisa n’iki ! Haguruka rero ukure amaboko mu mpuzu kuko mu gacerere niho Imana igomba kwikorera. Soma 1Abami 18:43-45. Iyaduhamagaye niyo kwizigirwa no kubikora izobikora. Ni mugire umusi mukuru mwiza wa Pentecôte mwibuka ko isezerano rigiye kubashikira mu mwanya mutazi nkuko yabivuze. Ni mugire Imana, Uburundi n’Isezerano kandi mwubahwe. Mukomere ku muheto, Murakoze. Bigiriwe i Bujumbura kuwa 15 Rusama 2016. ABISEZERANO.www.abisezerano.com
