🔵IJAMBO RY’IMANA🔵
Indwi y’7 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (4, 13-17)
Umve rero, mwebwe muvuga muti: «Uyu musi canke ejo tuzoja mu gisagara kinaka, tuzomarayo umwaka, tudandaze, turonke inyungu!», ariko mutazi ibizoba ejo. Ubuzima bwanyu bumeze bute? Muri umwuka uboneka umwanya mutoyi, ugahava uyonga. Ariko mwari kuvuga muti: «Umukama niyabishaka, tuzoramba kandi tuzokora ibi n’ibi.» Ariko noneho, murirata mu bwishime bwanyu; ukwirata bene ukwo kwose ni kubi. Noneho rero, uwumenya ingene yokora neza ntabikore, urya bimubera igicumuro.
IZABURI 48 (49) 2-3, 6-7, 8-9, 10-11
Icit. : Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Ntara zose, umvirize ibi:
bantu mwese iyo muva mukagera, tege amatwi:
bantu mubayabaye canke mumenyekana,
aboro canke abatunzi.
Mbe ubona notinya iki umusi amagorwa yansagiriye,
igihe urwanko rwanyegeranya kandi rukanca irya n’ino?
Abanyanka bishimira itunga ryabo,
bishimiye umugwi w’ivyo batunze.
Umuntu ntashobora kwibohora,
n’uguha Imana igiciro gishobora kumucungura:
n’aho ubuzima bw’umuntu buri n’agaciro ntangere,
ubwo buzima ntibubura guhera akagirire.
Mbese umuntu yoshobora kuramba ubutazohera,
gushika aho atĹŤbona icobo?
Azobona ko abitonda rubasokanya
n’abasazi be n’utugûgú,
ivyabo bigasigarana abandi.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota!
Ku bwa Kristu, nimukengurukire Imana Umvyeyi wacu.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (9, 38-40)
Yohani, umwe muri ba bandi Cumi na babiri, abarira Yezu ati: «Mwigisha, twabonye umuntu yirukana amashetani kw’izina ryawe, turaheza dushaka kubimubuza kuko atagendana natwe.» Yezu na we aramwishura ati: «Ntimube mukimubuza, kuko ata muntu ashobora gukora igitangaro kw’izina ryanje, hanyuma ngo ashoke amvuga nabi. Uwutadukeba aba ari uwacu.»
🔵TUZIRIKANE IRI JAMBO RY’IMANA🔵