Abantu benshi baratwandikira batubaza igituma dusengera igihugu cacu c’uburundi nigituma arico isezerano 

IGITUMA TWIZERA AMASEZERANO KANDI UMURUNDI WESE YOZIRIKANA GUSENGERA UBURUNDI
Bakundwa, barundi, barundikazi, rwaruka;  amohoro y’Imana abane namwe!

Uno musi twagomba kubamenyesha icatumwe tugira umutwaro n’ishaka vyo gusegura igihugu cacu c’Uburundi:

-Ikintu nya mukuru nuko mwomenya yuko Uburindi butameze nkibindi bihugu vyo kw’isi. Bufitaniye isano rinini n’igihugu ca Isirayeli kuri vyinshi kandi tubifitiye nivyemezo.

-Imana yarashimye kandi ikunda Isirayeli n’Uburundi ibirutisha ayandi mahanga. Nico gituma Satani (Shetani) afitiye ipfuhe rinini igihugu cacu akagiteza urwanko, amacakubiri n’intambara zurutavanako kuko arazi amasezerano Imana yagihaye.

Bamwe babona twebwe abisezerano twiyemeje gusengera Uburundi bakibaza ngo twabuze ico dukora. Oya namba nuko dufise ibanga Uhoraho Imana yaduhishuriye. Ico dukora turakizi niyo tuvuye turahazi kandi niyo tuja turiko tuhabona. Hasigaye gato kugira dushikire ca gihugu c’amata n’ubuki m’umuco wa rya kanguru n’umuvyuro bidasanzwe.

Kubera yuko:

-Mu mwaka 1971 Imana yaravuze kubizoba c’igihugu c’Uburundi ingene hagiye kubaho isubiranamwo kubonse rimwe hameneke amaraso n’abandi bangazwe kandi niko vyabaye. Hapfuye abantu barenga ibihumbi amajana atatu, abasaga umuriyoni barahungira mumahanga, igihugu cuzura amaraso, amarira n’amaganya maze impfuvyi n’abapfakazi babura gitabara.

-1973 hari ibindi yavuze kubijanye n’isezerano rizoba kw’ihanga ry’Uburundi uko rizomera. Kandi vyinshi biraboneka ubu. Niho hatanguye kuba imirwi yabasenzi mubari bagorewe mumashamba, mumakambi yimpunzi cokimwe nabarara mumyonga bahunze bacanyi baza kubarobanura kamwe kamwe.

-1979 hari umubirigikazi yabwiye umukoziwayo ubu yamaze gushengera, uko ibintu bizogenda bikurikirana gushika igihe Imana izotabarira abarundi. Nivyo turiko turabona uyu munsi. Haravuzwe ivyamatora n’intambara (rebellions) n’aba presidents b’uburundi bazokwicwa.

-1984 i Nyakabondo muri zone Rubirizi Mutimbuzi abasenzi bariko barasenga babwiwe yuko hazoba abaperezida 5 hanyuma yuko uyo wagatandatu ariwe azokwiyongeza bace bavyitwaza maze hace havyuka imvururu iBujumbura hanyuma buke buke bizotambukira igihugu gushika aho Imana izohaguruka itabare kugira ishitse isezerano ryayo. Mubikurikiranye neza murashobora kumenya ibihe turimwo.

-1992 hariho abandi bo mu mirwi itandukanye bariko barasenga(babonekerwa) babwirwa yuko hagiye kuba:

A. amatora kandi hazotsinda umuperezida azotwara kumwe ikigori gihetse kandiko azokwicwa n’abamurindira ubuzima. Twarabibonye mu 1993.

B. munyuma haje kubutegetsi uwundi azopfira mu gihugu kibanyi. Twarabibonye mu 1994.

C. inyuma yivyo yuko hazoza uwundi mukuru wigihugu azoca yirukanwa hagaruke kubutegetsi bwuwahoze atwara uburundi. Twarabibonye aho bateye amazirantoke umukuru wigihugu maze uwundi akoresheje igikenye agaca yiyimika ubugira kabiri.

D. inyuma yaho hazoba imishikirano izotuma haba gusangira ubutegetsi ariko hazobamwo ibinyoma no kuryaryana ngo ntibizorama. Twarabonye ivyakigobe, kajaga n’ahandi muvyo bise ngo ni « negotiations ».

E. Barabwiwe yuko hazoba amatora haboneke umuperezida azoza yambaye ishusho y’umukozi w’Imana ariko azoba ari integuza imbere yuko havyuka akajagari gahambaye kameze nkuko bigenda iyo abana bariko barakina. Ivyo twobisanga mu gihugu kuva 2005 gushika ubu.

F. Imana yongeye ivuga iti: « Mu gihe mutazi, abantu bamaze kwihebura niho inzohagurutsa isake zibiri zisekane habe urubeya kandi nzihorera kubw’amabi yabo.  » Iryo jambo n’ubuhanuzi abazi kurereka neza bahagarara kumisozi w’amasengesho maze bakarindira isaha y’Imana. Mugabo wumvise ibivurwa muri ONU, mu UE, muri EA eka no muri EAC wokwiha inyishu ku bimenyetso vy’ibihe.

G. « nuwahoze kubutegetsi azoshaka kubugarukako kunguvu vyanse haze abaza gutabara uyo yagomba kwiyimika mugabo azopfa » Mwihweje ikiganza kitaboneka kuri inyuma yamirwi irenga ibiri yavukiye mu bihugu bibanyi, urabona yuko Satani yiteguriye gusangangura ubwoko bw’Imana.

H. Babwiwe kandi yuko izo ntureka zitazoteba cane, yuko zizomara imisi itatu mugisagara ca bujumbura n’amezi atatu mugihugu cose. Ngo Murico gihe niho uwo Imana yimikije amavuta mw’ibanga kandi yanyegeje mw’isenga nka Dawidi azoca aza kuyobora igihugu hace haboneka ikanguro n’umuvyoro nyavyo, kuburyo n’ayandi mahanga azotangazwa n’ibibaye mu Burundi. YESAYA 60:21-22. 

J. Ngo nabo mumahanga bazoza kuvoma imigisha i Burundi kandi n’abarundi bazokwira amahanga kwamamaza ubutumwa bwiza. Ivyo bizojana n’ubutunzi, amahoro n’iterambere bidasanzwe bizorangwa mu Burundi muri ico gihe.

K. Ngo hazoba ikanguro (umuvyuro) ridasanzwe gushika aho nabamwe bazicirwa mu bihugu nku Buhindi n’ibindi vyo muri Aziya bacibwa amasozi kubera kwamamaza ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo. Imana yatubwiye vyinshi.

Tumaze kubona ivyo vyose vyashikijwe nibindi vyinshi Imana yatubariye tubikurikiranira hafi kandi tukabisuzuma co kimwe n’ubundi buvugishwa butari buke tuguma turonka. GUSUBIRA MU VYAGEZWE 18:22, JEREMIYA 28:9 & 1TESALONIKE 5:20-21.

-Iyabivuze niyo kwizigirwa no kubikora izobikora.

-Erega 👁Igihe hatabaye uguhishurirwa abantu bigenza uko bagomba.

IMIGANI 29:18.

Ibikir’amabanga n’ivy’Uhoraho Imana yacu. GUSUBIRA MU VYAGEZWE 29:29.

-Rero turindire imirindi y’Imana nkuko yabibwiye umwami Dawidi.

🗣 »Imirindi yo gutabarwa »🏃🏾

-Imana idutegeka ko dusemerera tumenyeshe abarundi aho bari hose ntibifate uko batari bamenye kw’itandukanya n’ikibi icarico cose duhindukirire Uhoraho nayo iduharire.

YESAYA 1:16-20 « Ni twemera tukumvira tuzorya ivyiza ariko tugararije hazoba ibihano n’ibara rikomeye.  » NAHUMU 3:4-6. -« Twisengere kugira igihuhusi ntikizotugurure. »

-Twisengere kugira dushobozwe guhimbara Imana. 

-Twisengere kugira ngo twezwe kandi tuvugutirwe.

-Dusengere impfuvyi, abapfakazi, abarwaye, impunzi n’abazigirijwe n’inzara, ubukene , ubushomeri n’abana bo mwibarabara.

👏🏾Tubaye turabakengurukira mu kigoro muzogira mu kurondera munyonga z’Uhoraho Imana. Mumenyeshe abandi kugira bamenye ico Imana ibagombako.

Tubifurije amasengesho meza atarimwo uburyarya n’ikinyoma kugira mubashe kumenya amabanga ahishijwe Imana yabahishuriye.

1 AB’I KORINTO 14:26 

Tubifuriza yuko amahoro y’Imana yobana namwe aho muri hose!

Twandikire kandi udutelefone:

http://www.abisezerano.com

Email: abisezerano@gmail.com

Tel:+25775289622