Aho dutandukaniye niyindi mihari:Turi ingabo za Yesu Kristo koko, tukaba n’ingabo z’ihanga ry’Imana ry’abarundi. Hariho ibintu vyinshi Muzotumenyerako kubutandukanire bwacu nabandi biyita ingabo. Bitandatu murivyo ni ibi:
1. Nti dusenga ibigirwamana, ngo dukore amareba, ngo dupfumureze canke tugendane ibiheko. Dusenga Imana yo mwijuru yo Rugiravyose ikaba na se w’Umwami wacu Yesu Kristo.
2. Nti twiba ikintu nakimwe caba ari igitungano (inka, impene, intama, …) , mu Mirima, canke ngo dusahure imiduga yingenzi nkuko mwavyumvise mu mirwi yabarwanyi ihitiye I Burundi.
3. Nti dusambana kirazira cangwe ngo dufate abakenyezi ku ngufu nkuko bivurwa kubantu babarwanyi mbere ako karanda kakaba karanarandagase no mu ngabo za ryashirahamwe mpuza makungu onu.
4. Nti duhohotera ikiremwa muntu canke se ngo twice umunyagihugu uwariwe wese. Ico ni icaha gihambaye umurundi wese w’umutima akwiriye kwihana. Ahubwo turatangazwa nabantu bari kubutegetsi bakica abo bategerezwa gukingira canke abitwa yuko baburwanya bagatera ama grenades canke bakarasa mwisoko, kubituro vya bus, canke mu bunywero. Ico ni ikimenyetso yuko atankomezi bafise kandi yuko batazi ico barwanira.
5. Nti tunywa ibiboreza canke ibiyovya bwenge kuko nizo nkwezi z’amarere. Imana yaduhamagariye kwama turikanuye, tugavye kandi twiteguye. Wokorera Imana gute wadandahiwe, cangwase wotunganiriza abanyagihugu gute uri mukaborerwe? Aho turahatandukaniye nabatari bake.
6. Ntitugendera ku macakubiri yamoko, y’amadini, y’imigambwe, canke se yintara. Kuri twabwe abarundi bose ni ihanga ry’Imana. Mukanwa kacu ntimuzohasanga ibitutsi, uguhemana, urwanko, igono n’ubuhemu. Ivyo vyose Imana yarabitubujije. Abatwanka ntitubatuka mugabo rero abaturwanije cokimwe nabagirira nabi abanyagihugu, turabarwanya.
Twebwe ab’isezerano tugendera kuvyo Uhoraho Imana yacu yatubariye kandi tuzobandanya tuyubaha ibihe bidashira.
Dutunzwe no kwubaha Imana, tugakora udukorwa tudusahiriza hanyuma tukanafatwa mumugongo nabantu nkuko kwawe bitanga kandi bakitangira igikorwa c’Imana turiko. Uratumiwe rero kudufata mumugongo.
Dukora amasengesho yamapfungo kundwi kundwi tuba dufise igihe cose abantu baba bari imbere y’Imana basengera abarundi bose b’uburundi.
Urashaka kw’ifatanya n’abisezerano ngo urwanire igihugu cawe Imana yasezeranye kuba icamata n’ubuki? Canke woba ufise umutwaro ushaka gudutura ngo tuwuterurire imbere y’Imana ? Twandikire kuri: abisezerano@gmail.com canke utwandikire kuri +257 75 28 96 22
