IGISOMWA CA MBERE Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (5, 9-12)
Ncuti zanje,
Nimureke kwidodomberanira, mwoye gutsindwa mu rubanza. Rabe, umucamanza ahagaze ku rugi! Benewacu, abahanuzi bavuze kw’izina ry’Umukama, nibababere akarorero, babigishe kurinda n’ukwiyumanganya. Rabe, abafise umutima rugabo, tubita abahirwe. Mwarumvise umutima rugabo Yobi yagize, kandi mwarabonye ivyo Umukama yamugiriye ubuheruka, kuko Umukama yuzuye imbabazi akaba ari umunyakigongwe.
Benewacu, imbere ya vyose, nimureke kurahira, ntimurahire ijuru canke isi canke iyindi ndahiro yose. Ariko ijambo ryanyu ngo «Ego» niribe «Ego», ijambo ryanyu ngo «Oya» niribe «Oya», kugira ngo ntimutsindwe mu rubanza.
IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4, 8.10, 11-12
Icit. : Umukama ni we Nyenimbabazi,
ni Munyakigongwe.
Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda.
Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni We agukiza indwara zose;
ni We akugarurira ku cobo,
ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.
Umukama ni We Nyenimbabazi, ni Munyakigongwe,
ntakaza ishavu, akaza urukundo;
uko ducumura si ko aduhana,
uko tumutuka si ko adusubiza.
Nk’uko isi ataho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha;
nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Mukama, tegurira umutima wanje imihango yawe,
ku buntu bwawe unyereke amategeko yawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 1-12)
Yezu ahavuye, aja mu ntara y’Ubuyuda no hakurya ya Yorodani. Ishengero risubira kumukikiza, na we kandi nk’uko yamenyereye aja mu vyo kubigisha.
Abafarizayo baramwegera, bamubaza mu kumugeza, ko vyarekuwe ko umugabo yirukana umugore wiwe. Arabishura rero ati: «Musa yabategetse iki?» Na bo bati: «Musa yarekuye kwirukana umugore, ariko ukamuha ikete ryemeza ko yirukanywe.» Yezu arabishura ati: «Iryo bwirizwa yarishinze kubera ukutagondwa kwanyu. Ariko mu ntango y’irema, Imana yaremye umugabo n’umugore. Ni co gituma umugabo azoheba se na nyina, akunga ubumwe n’umugore wiwe, bompi bakaba umwe musa. Ntibakiri babiri rero, bacitse umwe. Ntihagire umuntu azotandukanya ico Imana yifatanirije.»
Batashe i muhira, abigishwa biwe bongera kumubaza. Na we arababwira ati: «Uwirukana umugore wiwe akabira uwundi, yagirizwa ubusambanyi. N’umugore avanye n’umugabo wiwe akaja ku wundi, na we nyene yagirizwa ubusambanyi.»