Igisomwa Co kuwa Gatandatu ca Ekleziya Katolika

*_Indwi y’7 yo mu mwaka : ku gatandatu (Années paires)_*
*IGISOMWA CA MBERE*

*Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (5, 13-20)*

Ncuti zanje,

Muri mwebwe nihagira uwubona ibimubabaza, n’asabe. Na ho, niyaba ari mu kanyamuneza, n’aririmbire Imana.

Hari uwurwaye muri mwebwe, n’ahamagare abakurambere b’Ekleziya, baze kumusabira, bamusige amavuta kw’izina ry’Umukama. Kino gisabisho kivuye ku kwemera kizokiza uwurwaye kandi Umukama azomuruhura, kandi asanzwe yarakoze ibicumuro, azobirekurirwa.

Nimwemeranire rero ibicumuro vyanyu kandi nimusabiranire, ngo mubone gukira.

Igisabisho c’umuntu w’intungane, iyo kivuye ku mutima, kirashobora vyinshi. Eliya yari umuntu ameze nkatwe, yarasavye ngo imvura ntigwe, iraheza imara imyaka itatu n’amezi atandatu itaguye. Ngo asubire gusaba, ijuru ryaciye rirekura imvura, isi iramera imirima yayo.

Benewacu, nihagira muri mwebwe umwe azimira akava mu nzira y’ukuri, uwundi akamuzimurura, muramenye yuko uwazimuruye umucumuzi mu nzira yazimiriyemwo azoba akijije umutima wiwe ntubone urupfu, kandi azoba azimanganije ibicumuro vyinshi.

*IZABURI 140 (141) 1-2, 3.8*

Icit. : *Igisabisho canje nikiduge imbere yawe nk’umwotsi w’isenga.*

Mukama, ndagutakambiye, tebuka uze aho ndi!

Untege ugutwi, igihe ndiko ndagutakambira!

Igisabisho canje nikiduge imbere yawe nk’umwotsi w’isenga,

ibiganza nkirirza na vyo nk’ishikanwa ryo ku mugoroba.

Mukama, agura umunwa wanje,

kandi ntabara undindire ururimi.

Mukama, Mana mfise, ni Wewe mpanze amaso,

ni Wewe mahungiro yanje, ntumpebe ngo mbe ruhebwa.

*INKURU NZIZA*

Aleluya, aleluya.

_Uragahezagirwa, Mana Data Mukama w’ijuru n’isi, kuko wamenyesheje abatobato ibitangaza vy’Ubwami bwawe._

Aleluya.

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 13-16)*

*Bazanira Yezu utwana ngo adukoreko, abigishwa biwe na bo baja mu vyo gutukagura abatuzanye. Yezu abibonye, arashavura, arababarira ati: «Reke utwo twana tunyegere, ntimutubuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abasa na two. Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: uwutakira Ubwami bw’Imana nka kurya abana babwakira, ntazobwinjiramwo.» Hanyuma, ababumbatiye, arabahezagira abagaranzurirako ibiganza.*