Umuhari w’Abisezerano: Unyishu z’utubazo twanyu

Umuhari w’Abisezerano

Mumwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane, mu kwezi kwawo kwa kabiri, kwigenekerezo ryawo rya cumi na gatanu; Abisezerano bakoze ikoraniro kaminuza i bujumbura mu burundi maze bashinga umuhari witwa ABISEZERANO.

Icivugo c’umuhari ABISEZERANO ni: IMANA-UBURUNDI-AMASEZERANO.

Indamutso yacu ni AMAHORO-SHALOM!

img_0031

Ikimenyetso c’umuhari ABISEZERANO kigizwe n’inkoho irikumwe n’inkota n’igitabo hagati biri hagati y’amashami abiri, biri kumwe n’inyenyeri y’umuhondo y’isezerano. Iburyo n’ibumoso hari inyundo zikwikiye.

Logo

Inkoho n’inkota bisigura yuko kugira ngo ubohoze isezeran ry’igihugu bizoca mu nguvu zimwe zigezweho kandi yuko nigihugu ari ukuzokizigamisha umuheto w’ubuhinga n’uburyo bwa none.

Inyundo zibiri zikwikiye zisigura y’uko ubumwe n’ibikorwa vy’abakozi ari vyo soko ry’amajambere nyakuri. Zisubirira isuka n’imashini za kijambere bizokoreshwa mu migambi y’iterambere.

Igitabo, amashami n’inyenyeri y’umuhondo yamasonga atandatu bisigura ibanga ry’Isezerano Imana yahaye ihanga ryayo ry’abarundi bazogendera iteka n’ingingo muri vyose.

 

Ibendera ry’umuhari ABISEZERANO  rifise ibara ritukura, iryirabura niry’urwatsi rutoto. Insiguro y’ayo mabara aranga umuhari ABISEZERANO ni iyi:

img_2084

Ibara ritukura risobanura ko Abarundi bose bazoronka igihugu cabo n’ukwikukira nyakuri bavuye mu kubabara cane, kwicwa, kwangazwa n’uburetwa barimwo.

Ibara ry’urwatsi rutoto risobanura yuko naho Abarundi bacinyijwe, bakicwa abandi bakanganzwa mu gihugu cabo; naho babonye amagorwa menshi  n’ubu bakiriko, barizigiye intsinzi irama, amahoro kuri bose n’iterambere, bazosubizwa n’urugamba rw’ABISEZERANO.

Ibara ryirabura risobanura amakuba n’amarushwa, imiruho, inzara, uruhungo, amakambi y’impunzi, indwara, indyane n’ayandi makuba beneburundi bahitiyemwo. Ni ibihe vy’umwijima.

Ibara ryera. Ibendera ryose rikikujwe n’umukanda(ruban) wera  usigura isezerano Imana yahaye ihanga ry’Abarundi.

 

Imigambi mikuru

Umuhari ABISEZERANO wishinze kubohoza Uburundi n’Abarundi bo mu moko yose n’intara zose. Umugambwe ABISEZERANO ushaka ko:

 

  1. Abarundi bose basubira gukunda kandi bagakundishwa Imana yo mw’Ijuru, Uhoraho Nyeningabo, Umukiza n’Umuremyi w’isi yose n’ibirimwo vyose. Abakatolika, abaporotisanti, aba isilamu eka nabandi bemera Imana basabwa gukora uwo murimo muburyo butunganijwe neza. (En evitant l’integrisme religieux)

 

  1. Abarundi bose basubira gukunda igihugu cabo n’ururimi rwabo, IKIRUNDI, mbere rukaba urwambere mu ndimi zikoreshwa mu ntwaro (langue officielle) imbere y’igifaransa, icongereza, igiswahili, n’izindi.

 

  1. Abarundi bose basubira gukundana no gukundisha akaranga kabo, imico kama y’urukundo, gukorera hamwe, gusangira no gufashanya vyamye bibaranga. Ikibazo camoko ntigisubire kuvurwa no gutera uruhagarara mubana b’Uburundi, ahubwo nyabuna ikibazo c’imigambi yiterambere nico kizoshirwa imbere. Kuronsa bose umuyagankuba, amazi meza, amabarabara, ukwiyunguruza, ibidukikije, kuba heza, infungurwa nziza kuri bose, kworohereza abarwizatunga, abatanga akazi n’abarundi bose kumatagisi.

 

  1. Abarundi bose bahamagarirwa kumenya Imana, kuyikorera, kumenya ivyo yasezeranye (Amasezerano) kwama bayazirikana, kuyabohoza no kuyabungabunga. Hazoshingwa umunsi bazokwama bibuka urukundo Imana yabahaye mukubatoranya ikabagira ihanga ryayo.

 

  1. Abarundi bose boronka ukwikukira nyakuri n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo no kuvuga iryo bagona ata nkomanzi. Ukwishira n’ukwizana bukaba uburenganzira bw’umurundi wese eka n’umunyamahanga atuye mu gihugu c’Uburundi.

 

  1. Abarundi bose bogira agateka, bakubahirizwa mu butungane kuri bose, amahoro arama kuri bose n’amajambere ya bose mu gihugu cabo; bataravye amoko baturukamwo, imigambwe canke intara mugabo hakarabwa ubwira, ubumenyi,urukundo rw’igihugu n’uburenganzira kuri bose.

 

  1. Abarundi bose bogira amahoro mu gihugu cabo: abahutu, abatutsi, abatwa, abaganwa n’imvange, bose bumve yuko bonse rimwe kandi yuko ubutandukane mu moko ari itunga n’akaranga bitera iteka igihugu cacu. (L’ethnisme –quota- doit etre aboli au Burundi.)

 

  1. Abarundi bose baje mu mashure, abashaka kandi babishoboye baminuze mu bisata vyose vy’ubumenyi ata nkomanzi. Abarundi bagire uruhara  mw’itunganywa ry’igihugu no guserukira igihugu hakurikijwe ububiko ndanga (Banque des donnees) no gutsimbataza intwaro rusangi mu gihugu cacu c’Uburundi.

 

  1. Abarundi bose boroherezwa mu mavuriro, bambara neza, bafungura neza kandi babe heza. Amatara yamashanyarazi azokwizwa mugihugu cose kugira umuryango wose urahure umuyagankuba, kandi ni uburimyi buzotezwa imbere kugira ngo umuntu wese n’umuryango wose uronke infungurwa zikwiriye kandi nziza, amazi meza n’ibinyobwa, n’uburano bwiza.

 

  1. Intwaro rusangi (ya demokarasi) ishingiye ku kwubaha agateka ka muntu igarukanwa kandi yiganza mu  Burundi. Kirazira yuko hari umuntu numwe azosubira gukubagurwa, azosubira kwangazwa canrwa se kwicwa nuwariwe wese yaba inzego z’ubutegetsi canke abagizi banabi. Abisezerano bazofata ingingo ruhasha zizozitirira abarundi bose kubijanye n’ubuzima bwabo.

 

  1. Gucira imanza abakoze ubwicanyi kuva mu 1961, 1965, 1969, 1972, 1988, 1993, 2015, n’ubundi bubisha bwagiye buriyerekana mu gihugu gushika ubu. Icatumye uburundi butogorora ni ukubera ukudahana, ugupfukapfuka, ugutinya inkozi zikibi no gusegiririza ivyaha. Harageze yuko abarundi bose bamenya yuko ukuri gutegerezwa gutsinda ikinyoma kandi umuco ugatsinda umwijima.

 

  1. Kwubaka ivyibutso vy’incungu z’Uburundi n’ivy’Abarundi isinzi bahitanywe n’urwimo n’ibiza vyagiye birakurikirana, na cane cane ahari ibinogo rusangi vy’abantu isinzi bishwe; no gutahukana ibisigarira vy’abarundi bitangiye igihugu cabo, abakuru n’abato, bahambwe inyuma y’igihugu. Aha twovuga abanyapolitique, intwaramiheto, abashingamateka n’abandi.

 

  1. Gukomorera ivyabo banyazwe, kwirura no gushumbusha abasirwa, impfuvyi, abapfakazi n’abacitse kw’icumu, hatibagiwe kwitaho impfuvyi, abapfakazi, abamugaye n’abageze mu zabukuru batagira amikoro ahagije. Gusubiza muzabo impunzi zose, abateshejwe izabo n’abandi bose bangajwe.

 

  1. Gukingira Uburundi n’imbibe zabwo mu kurwanya uyo wese atera Uburundi, aho yoba aturutse hose, yaba Umurundi canke umunyamahanga; no kurwanya twivuye inyuma abo bose bica, bagatoteza abanyagihugu abo ari bo bose.

 

  1. Guhamagarira kuja hamwe imihari n’imigambwe cokimwe n’abantu bose bemera isezerano Imana yahaye ihanga ry’Abarundi kugira ngo bagire urutonde rumwe rwo kubungabunga igihugu c’uburundi no guteza imbere Abarundi bose ata n’umwe avuyemwo, mu vy’indero, ubutunzi n’imibano. Umunyagihugu azokwame ari imbere muri vyose.

Umukuru Coordinateur Général w’umuhari w’Abisezerano

Docteur DUSENGUMUREMYI Merlin