
Indwi y’8 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (1, 10-18)
Ncuti zanje,
Ubukiriro abahanuzi bamye babubona bashimitse, baraheza baratuburira ingabirano muzoshikirizwa. Bahora babitohoza ngo bamenye igihe n’ibimenyetso babwiwe na wa Mutima wa Kristu yari muri bo, aho yababurira amagorwa Kristu azobona n’ubuninahazwa buzoyakurikira. Na bo barahishuriwe yuko ivyo bitazoshika bakiriho, ariko vyagenewe mwebwe. None, ubutigu bwageze, kandi mubimenyeshejwe n’ababashikirije Inkuru nziza bohejwe na Mutima Mweranda yarungitswe ava mw’ijuru.
Ni uko rero, mu kwamana umutima ugavye nk’abasuku bakenyeye, nimushire umwizero wanyu wose kuri ya nema muzoshikirizwa n’ihishurirwa rya Yezu Kristu. Nk’abana b’ingamburutsi, nimureke kwishushanya na vya vyipfuzo mwahoramwo kera ata co muramenya; ariko, nk’uko Uwabahamagaye ari mweranda, namwe nimube beranda mu migenzo yanyu yose, kuko handitswe ngo: «Nimube beranda nk’uko nanje ndi mweranda.»
IZABURI 97 (98) 1, 2-3b, 3c-4
Icit. : Umukama yaramenyesheje intara
yuko ari we akiza.
Vyinira Umukama akavyino gashasha,
kuko yagize ivyiza vy’agatangaza;
urukiza turukesha We,
ruva ku kuryo kwiwe kweranda.
Umukama yaramenyesheje intara
yuko ari we akiza kandi yuko ari we ntungane.
Yaributse ingene yakunze n’ingene atazohemukira
inzu y’Israyeli.
Ba kavantara bose bariboneye
ingene Imana yacu ikiza.
Wa si iyo uva ukagera, komera amashi Umukama,
samiriza akanyamuneza.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Kubera Inkuru nziza twashikirijwe,
Imana iduharhagarira gusangira ubuninahazwa
n’Umukama wacu Yezu Kristu.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 28-31)
Muri irya misi,
Petero yaritoye abarira Yezu ati: «Tweho, ni ivyo ubona, twarahevye vyose turagukurikira.» Yezu na we yishura ati: «Ndakubwiye ivy’ukuri: nta wuzoheba inzu, benewabo, bashikiwe canke se canke nyina, abana, imirima, ku bwanje no ku bw’Inkuru nziza, ngo asibe ataronse ijana ubu muri iki kivi, amazu, benewabo, bashikiwe, abavyeyi, abana, imirima, n’aho uruhamo rwobagwako, n’ubuzima budahera mu myaka yose. Aba mbere rero benshi bazoba aba nyuma, na bo aba nyuma baje mu bâ mbere »