Igisomwa co kuwa gatandatu/ Ekelesiya Gatolika

_*Indwi y’8 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)*_      

*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yuda-Tadeyo (17, 20-25)*
Bakunzi banje :

Nimwibuke ivyabuwe n’abatumwa b’Umukama wacu Yezu Kristu. Nimwishimikize ukwemera kwanyu kweranda cane. Nimusabe muri Mutima Mweranda, nimwizigame mu rukundo rw’Imana, nimwame muhahamira ikigongwe c’Umukama wacu Yezu Kristu azobashikiriza ubuzima bwamaho. Abatararimbuka mubahanure, mubakize mubokore mu muriro ; abandi na bo mubagirire imbabazi kandi mutinye, muhunge n’impuzu nyene yandujwe n’umubiri wabo.

Na we, Uwushobora kubazigama ngo ntimutsitare no kubarengukisha imbere y’ubuninahazwa bwiwe mutagira amahinyu kandi muri mu kanyamuneza, Imana imwe rudende ari yo Mukiza wacu ku bwa Yezu Kristu Umukama wacu, ni we akwiye ubuninahazwa, inganji, ubukomezi n’ububasha kuva kera na rindi, ubu no mu myaka yose. Amen.
*IZABURI 62 (63) 2, 3-4, 5-6*
*Icit. : Umutima wanje urakunyotewe, Mukama, Mana mfise.*
Mana, ni Wewe Mana yanje

mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;

umutima wanje urakunyotewe.

Nanje ndakwipfuza.

Muri iyi si yase imigaga ibuze ikinyotera.
Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe,

ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;

niho urukundo rwawe rwandutira amagara,

ngashobora kugushimagiza.
Ni ko nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,

nzokwayira iminwe izina ryawe ;

niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,

nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, Aleluya.
_Yeruzalemu, igine Umukama, ni we arungikira isi ijambo ryiwe._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (11,27-33)*
*Yezu n’abigishwa biwe basubira RugaruKa i Yeruzalemu. Igihe Yezu yari mu Ngoro y’Imana agendagenda, abaherezankuka bakuru, abanditsi n’abakurambere baramwegera, bati : « Ubukuru bw’uko ukora ivyo ni ubuhe ? Mbere nako uwaguhaye ubwo bukuru bw’ugukora utyo ni nde ? » Yezu arabishura ati : «nan je Ndababajije nanje ijambo rimwe. Nyishure, nanje ndababwira iyo nkura ubukuru bw’ugukora ntyo. Mbe, ibatisimu ya Yohani yaturuka mw’ijuru canke mu bantu ? Nyishure. » Na bo bibwira mu mutima bati : « Nitwishura tuti : Mw’ijuru, atubwira ati : None se, ko mutamwemeye ? Naho twishure tuti : Mu bantu ? » Batinya ishengero, kuko bose bemera ko Yohani yari umuhanuzi w’ukuri. Bishura rero Yezu bati : « Ntitubizi. » Yezu na we abishura ati : « Nanje rero simbabwira ubukuru butuma nkora ivyo. »*