Mu Burundi twagize amahirwe yo gushobora kuronka ishengero ry’abadventiste b’umunsi w’indwi. Abafise ukwo kwimera batari bake bo muntara nyinshi z’igihugu cacu baremera Cane isezerano Imana yasezeraniye igihugu c’Uburundi. Naho tubivuze uko turihanikirije iyo leta ya Petero Nkurunziza yahisemwo kwica, gupfunga no kwangaza abana b’Uburundi ngo nuko bemeye kurwanira Isezerano ryabo.
Abisezerano bava mumihingo yose mumadini yose, mubwoko bwose, no mumigambwe yose kuko Imana ntiyigeze ivangura abarundi. Bamwe bosemukwemera kwabo no muvyubahiro vyabo abarongozi b’umuhari w’abisezerano ubipfuriza kuroranirwa mu banyu no muvyanyu.
Yesu abahezagire kandi mugire isabato nziza.